Abacuruza ibikoresho vy’ishure batanguranye umwiheburo

Amakaye, imyambaro ( Uniformes ), udusakoshi, vyatanguye kugurishwa kubwinshi hagati mu gisagara ca Bujumbura, ku bituro vy’imiduga yunguruza abantu.

Abo badandaza bamenyesha ko Igiciro c’amakaye kiguma kiduga kuko uko baranguye mu gatondo basubiyeyo basanga vyaduze. Bakibaza ko vyoba bitumwa n’ikiza ca #Covid19, gituma ibicuruzwa bitinjira neza.

Kuba ibikoresho bitanguye kizimba hakiri kare nko mu kwezi kw’indwi, bishobora gutuma hazogera mu kwezi kwicenda bizimvye gusumba. Ivyo navyo bikazotuma abafise umutahe muto bibagora kurangura nk’uko urwo rwaruka ruvyigana. Ariko kandi binashobora no gutera ingorane abaguzi b’amikoro make cane cane abavyeyi bagomba kurungika abana babo ku mashure.

(Visited 12 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *