Abagendana ubumuga ngo ntaco bashoboye? Barabeshe

Kuwa 3 kigarama uko umwaka utashe, U Burundi burifatanya n’ isi yose mu guhimbaza umusi wahariwe abafise ikibazo c’ ubumuga.  Ku ruhande rw’abagendana ubumuga, naho bashik’ingorane nyinshi, abatari bake baratahura ko kugendana ubumuga bidasigura ko ataco bashoboye.  Kurera amaboko no gusegerereza barabisezereye bemera gukoresha uburyo bashoboye mu kwiteza imbere.

Turi hagati mu gisagara ca Bujumbura, isaha zitanu n’ iminota 30 hepfo y’ ahahoze isoko nkuru ,urabana na posita. Reveriano Ndayavugwa, afise ubumuga bw’ amaguru, ku maboko naho hariko ibidunduri ariko arashobora kuyakoresha bike bike. Yicaye kw’ ikinga  ryiwe imbere yiwe hari ameza adandarizako ibitandukanye. Aratwiganira ingene yavavanuye n’ingeso yo gusegerereza:  » Kera narasega mw’ ibarabara, vyarambabaza cane kuko bamwe barampa abandi bakanyima nkibaza ko bandenganije. Nahavuye ntangura kudandaza ama « unités » n’ umutahe w’ ibihumbi mirongo ibiri. Abenshi baranciye intege ngo nzohomba ariko sinabihevye mbere hari uwanyongerereje ibihumbi cumi gutyo nkwiza ibihumbi 30. Bukebuke   nagiye ndunguka, uyu musi runo rudandazwa rurantungiye umuryango kandi ndafise n’ umukozi. »

Ni igiki abagendana ubumuga basaba?

Naho  Reveriyano ashima intambwe agezeko,  uyo muhumure arasaba ko Retango ifashe mu nyubako zigendwa na bose :  » Ndababazwa nuko ibiro vyinshi biri mu magorofa aho ntinjira n’ ikinga ryanje, bituma ntashikira abayobozi b’igihugu kuko izo nyubakwa nyinshi ziri hejuru « , niko Ndayavugwa avuga.

Mizero*  ni  uwundi agendana ubumuga. Twamusanze aho adandariza udupfuniko tw’ amakarata- karangamuntu hagati mu gisagara ca Bujumbura. Avuga ko akwije imyaka 5 agendera ku gakinga kiwe. Kubwiwe ngo Reta yobaha ikarata yo kwivurizako kuko ibiciro ni binini :  » Ibi vyuma (ortheses na prothèses), birazimvye cane ( 400.000 F), Iyo bishaje biratugora ko turonka ayandi ngo bashireko bishasha mbashe kugenda. Nosaba Reta ko yoturonsa ikarata zidufasha kwivuza hamwe n’imiryango yacu. »

Ivyo bibazo birashobora gutorerwa inyishu?

Mw’ itangazo yashikirije kuri uno wa 2 kigarama 2020 i Bujumbura , Imelde Sabushikimike , umushikiranganji ajejwe gushigikirana,imibano, agateka ka zina muntu n’ iterambere ridakumira amenyesha ko urwego arongoye rushimishwa n’ intambwe rugezeko :   » Turanezerejwe cane n’ uko uyu musi ushitse hamaze kujaho umugwi w’ igihugu ujejwe gukurikiranira hafi ibikorerwa abagendana ubumuga . » Muri ubwo butumwa nyene aravuga bimwe bimwe mu bimaze kurangurwa ngo uwo mugwi ufashwe nko kugorora no kuronsa abafise ubumuga ibikoresho bijanye n’ imyuga bize, gushigikira amashirahamwe yabo, n’ibindi.

Impinga iracari ndende

Naho hari ibimaze kurangurwa, umushikiranganji Imelde sabushimike aremeza ko urugendo rukiri runini yihweje ingene abagendana ubumuga bangana hamwe n’ ivyo bakeneye ufatiye ku bumuga bw’ umwumwe. Akagirako asaba abarundi bose guterera kugira ico gisata gishike kw’ ihangiro cihaye: « Vyaba ibisata vya Reta, abajejwe iterambere ry’ abanyagihugu, umwe wese mu bimuraba dusabwa gushira inguvu hamwe kugira dushire mu ngiro ivyofasha abo abagendana ubumuga. »

(Visited 269 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *