Abarimyi b’ikawa basabwa kutonona amafranga bariko barahembwa.

Ni zimwe mu mpanuro zatanzwe na Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi.Hari kuri uyu wa 17 Mukakaro 2020 aho yariko yugurura ihemba ry’ikawa rya kabiri. Ivyo bikorwa bikaba vyabereye kw’itonorero ry’ i Murambi, zone Rukeco, Komine Busiga intara ya Ngozi.

Barashima ariko ngo ako gahembo kokwongerezwa

Abo barimyi b’ikawa barashima kuba bariko bararonswa agahembo k’ikawa bashoye. Naho biri uko, basaba ko igiciro coduzwa. Kubwabo, amafaranga 550 atangwa ku kiro kimwe ntaco akimaze bivanye n’ibihe uburundi bugezemwo.
Amafaranga 50 akaba ariyo yaheruka kwongerwa ku kiro n’uwo mushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi.

Basabwa kugakoresha neza.

Ako gahembo kabonetse mu gihe hari ivya nkenerwa vyinshi. Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yahanuye abo barimyi b’ikawa kudasesagura amahera bahembwe, ahubwo nyabuna babike amahera yo kugura amakaye no kurihira amashure abana babo, bongere bagombore ifumbire.

Yasavye abahemba kuba bahejeje gutanga amahera ku bakozi bose gushika mu kwezi kwa Myandagaro. Aboba bataronse agahembo kabo mw’ihemba ryambere ryarangiye muri Ruhenshi, nabo ngo boba bayaronkejwe.

Ikiro c’ikawa, kikaba caheruka kwongerwako amafranga mirongo itanu.
Hari igihe umushikiranganji Déo Guide Rurema yugurura icese ibikorwa vy’isizeni ya mbere mu ntara ya Cibitoke muri uyu mwaka nyene wa 2020.
Mu ntara ya Ngozi, bakaba bipfuza guteza imbere igiterwa c’ikawa. Epipode Baranyikwa, buramatari w’iyo ntara amenyeshako bagiye gutera iyindi mivyaro y’ikawa irenga gato umuriyoni n’amajana atanu gushika mu kwezi kwa Gitugutu uyu mwaka.

(Visited 86 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *