Abatanga amahera ku bana bo mw’ibarabara n’abasegerereza bagiye kubihanirwa

igihe bariko baratanga imfashanyo ku miryango ikenye yo mu Buterere

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruheshi 2019 niho Uburundi bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi wahariwe umwana w’umunyafrika usanzwe uba kw’itariki 16 Ruheshi uko umwaka utashe.  Icivugo c’uyu mwaka akaba yari  « Dushire imbere na ntaryo agateka k’abana mu gufasha abatishoboye na cane cane abashikiwe n’ivyago bitandukanye » 

Uva ibubamfu: uwuserukira UNICEF, Janvière Ndirahisha, Martin Nivyabandi na Freddy Mbonimba

Urwo rubanza rwabereye muri zone ya Buterere, rukaba rwari rwatewe iteka n’umushikiranganji w’agateka ka zina muntu Martin Nivyabandi  aherekejwe n’uwujejwe indero Janvière Ndirahisha. Urworubanza  rwatanguriye ku rugendo abo bashikiranganji bagize ku miryango ibiri yakiriye abana bahoze mw’ibarabara.

Martin Nivyabandi ajejwe ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, mw’ijambo ryiwe yatanguye gusigura inkomoko y’uwo munsi aho avuga ko wavuye ku bana b’i Soweto muri Afrika y’epfo bagiye mw’i barabara mu 1976 baharanira agateka kabo ko kwiga mu rurimi bumva ariko bagahava bagandagurwa n’intwaro ya karyanishamiryango yitwa  « Apartheid » guhera itariki 6 Ruheshi z’uyo mwaka. Ni ho mu 1991 abakuru b’ibihugu bo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika babona ko bikwiye ko bashiraho uyo munsi.

Ni Kubera iki bahisemwo Buterere?

Martin Nivyabandi agira ati : « Guhitamwo iki kibanza si igihamana. Tumaze iminsi tugendera zone ya Buterere, igituma si ikindi, nuko gutorera inyishu z’abana bo ngaha mu buterere kizoba ari nk’ifatirwaho kugira dutore inyishu z’abandi bana mu gihugu cose. » 

Reta y’uburundi ngo ntiyicaye. Uwomushikiranganji yavuze  ko Reta y’Uburundi imaze gukora ibitari bike mu guteza imbere agateka k’umwana. Aha twovuga nk’umugambi wo kuvuza abana ku buntu, kubigisha k’ubuntu,. Ivyo ngo bikaba vyarafashije cane imiryango ifise amikoro make aho uyu munsi abana batanguranye n’iyo migambi bagombe bafate za kaminuza. Hari kandi umugambi wo gukura abana mw’ibarabara aho abagera ku 3500 bamaze gukurwayo, hamwe n’abandi bagera ku 1400 basegerereza bakuze n’ibindi. Akaba yateye akamo amashirahamwe canke amashengero eka abo bose bafise ico bofasha gufata icogikorwa nk’icabo kugira ntihabe hakigira umwana w’Uburundi arangwa mw’i barabara.

Abakamisha abana bamugaye  n’abatanga amahera bohagabira !

Uwo mushikiranganji yamenyesheje kandi ko hafashwe ingingo ruhasha ku bantu basegesha abana bamugaye. « Twashaka  kumenyesha ko abazosubira gufatwa batembereza abana bamugaye baza kubacisha amafaranga mu gisagara hagati yuko amategeko agiye kubafata nk’abariko barakora igikorwa co kudandaza abantu ». Niko umushikiranganji yavuze.

Yabandanije  ko harin’abandi bibaza ko bariko barafasha n’umutima mwiza ariko bakaba bariko bafasha abana kurigumamwo. « Ukaba ufise ico ushaka guterera, ayo mafaranga , 1000 washaka gutanga, yashikane mu ntara zose z’igihugu aho hari konte zuguruwe zo gushihikira vya bikorwa vyahariwe gushigikirana mu kibano. Ivyo twarabonye ko vyagize  akamaro mu ntara ya Gitega n’izindi ntara aho abo basegerereza bafashijwe na vya bigo bijejwe ingo n’imiryango mu kibano. »  

 Ati gufasha abana bo mw’ibarabara si ukubaha amahera, ahubwo ni ukubereka ibigo bitandukanye vy’aba ivya Reta canke vy’abikorera utwabo hama hakigwa uburyo basubizwa mu miryango yabo. Yongeyeko ko n’ibihano bizofatwa kubabikora kuko atari ukubafasha uhubwo ari ukubasunikira kuja mw’ibarabara.

Umuserukizi w’ishirahamwe riharanira agateka k’umwana UNICEF mu Burundi , Jérémie Hopkins mw’ijambo yashikirije  yavuze ko bashima utwigoro twa Reta mu gukingira agateka k’abana, akavuga ko kandi ishirahamwe ryiwe hamwe n’ayandi yegukira igisata ca ONU atako batazogira mu gushigikira Reta mu gukingira agateka k’umwana.

Ntirandekura Alain Boris yaserukiye abana arashima ingene Reta atako idakora mukwitaho agateka k’abana ariko agasaba ko yogerageza ifadikanije n’amashirahamwe ayifasha kugira ngo ikibazo c’abana bo mw’ibarabara gitorerwe umuti.

Muri ivyo birori hari hatumiwe n’abajejwe utugenegene kugira baryoshe urwo rubanza. Aho twovuga nk’abaririmvyi B FACE na Yves Kami basanzwe baririmbiye hamwe ururirimbo rw’agateka k’abana. Abandi ni ananyeshure bo kuri Lycee Don Bosco Buterere bakinye agakino gakebura abavyeyi bafata nabi abana aho kubareka kuja kwishure bakabaremereza ibikorwa ngo ntamashure y’abakobwa n’ibindi n’abana bahoze mw’ibarabara bararonse n’akaryo ko kwerekana ubuhinga bwabo mu gutamba

Ivyo birori bikaba vyarangijwe n’ugutanga imfashanyo ku miryango ikenye kuruta iyindi. Iyo mfashanyo ikaba igizwe n’ibifungurwa hamwe n’amasabuni yo kumesura.

(Visited 299 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *