AGDC, intahe yerekana ko urwaruka narwo rushobora guterera mw ‘iterambere

Ugushigikira Reta mu mugambi w’iterambere, Kwerekana ko urwaruka rushobora kwiteza imbere ni bimwe mu vyatumye ikigo Africa Geniuses For Development Center (AGDC) kivuka. Kuri uyu wa 30 kigarama 2020, niho  cari kiramutse gitanga impapuro mpamyabumenyi ku rwaruka rurenga mirongo ine  bakurikiranye inyigisho nkarishabwenge muri ico kigo. Ico gikorwa kikaba cahuriranye no kwigina umwaka uheze ico kigo kimaze gitanguye gukora. Mbega bashitse kuki ? Babigenjeje gute ? Bahanura iki urundi rwaruka ? Vyose ni muri kino kiganiro twagiranye.

Thierry Ndayizigiye, umuyobozi w’ico kigo avuga ko nk’urwaruka rwumvise akamo baterwa n’abarongoye igihugu,  bashimye kuja hamwe kugirango nabo baterere mw’iterambere ry’igihugu. Ndayizigiye abandanya yemeza ko AGDC  yavutse ifise intumbero yo kuzana ibintu bishasha kandi vy’akanovera (Innovation, Créativité et excellence). Ivyo ngo kugira babishikeko bakaba hatanguriye gushiraho ico kigo kijejwe gutanga inyigisho nkarishabwenge (formations) mu bisata bitandukanye. Ikindi ngo bafise intumbero yo gushigikira umugambi w’iterambere PND 2018-2027 hamwe n’intumbero ya ONU biciye mu migambi yayo 17 ijanye n’iterambere rirama  bita ODD (Objectifs du Developpement Durables).

Bamaze gushika kuki ?

Kuva rero batanguye gukora, ngo baramaze kurangura ibitari bike. Muri vyo harimwo nko kuba bamaze kuramura urwaruka rerenga 120, kuba  barashoboye gukorana n’amashure amwe amwe, amahoteri  n’ubuserukizi bw’ibihugu( ambassades).

Intahe ku rundi rwaruka

Ico bakoze hamwe n’aho bageze ngo ni intahe ku rundi rwaruka rwibaza ko kuja hamwe bagakora igikorwa gifasha mu guterera mw’iterambere ry’igihugu bidakunda.  Thierry Ndayizigiye, avuga ko intambamyi ku bantu bariko barakora zitabura. Kuri bo, ngo vyarabagoye mu minsi yambere cane cane mu bijanye n’uburyo, ibikoresho n’ibindi. Ariko avuga ko abagiye hamwe bagashira inguvu n’ivyiyumviro hamwe  bafise intumbero imwe batabura inyishu y’ivyo bibazo vyose. Ivyo rero ngo biratuma bitera iteka bakongera bakaritera n’igihugu.

Uwo muyobozi avuga ko bagiye kubandanya bakora n’inguvu nyinshi gushika babonye ko ibikorwa bishinze vyo guterera mw’iterambere ry’igihugu bishitse ku rugero rushimishije. Ariko rero ivyo ngo nti bovyishoboza bo nyene.

Asaba  abasanzwe babashigikira canke abandi bavyipfuza  ko bobandanya nayo abantu bose bipfuza gufatanya muri urwo rugendo nabonyene ngo boba bipfuza gukorana nabonyene barahawe ikaze kuko nk’uko Umukuru w’igihugu akunze kubivuga, ngo « Turi hamwe twese birashoboka.

Ikigo AGDC gitanga inyigisho mu bisata bitandukanye. Aha twovuga nk’inyigisho zijanye no kwitunganiriza imigambi no gutunganya neza amashirahamwe ; izijanye no   gukinjika, amahoteri n’ngenzi ; ibijanye n’ubuhinga bwa none ; kwigisha icongereza gikoreshwa mu buzi, n’ibindi.

(Visited 74 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *