Akamaro kadasanzwe k’inyigisho nkarishabwenge utari uzi

Crédit- photo: Yaga

Inyigisho nkarishabwenge canke nyunganirabumenyi zirakunze gutangwa mu bisata bitandukanye. Hari abazitaho, hari n’abandi batazijamwo bitumwe n’ukubura amafaranga asabwa n’abazitunganya. Hari n’abatazijamwo kubera batabona akamaro kazo naho ziba zitarihishwa.  Emmanuel Niyoyabikoze aradushingira intahe y’ico zamufashije.

Urwaruka rutari ruke, rurakunze kubona akenshi hatunganywa inyigisho nkaburabwenge mu bisata bitandukanye vyo mu buzima bwa misi yose. Abenshi mu bazikurikirana baratahura akamaro kazo kuko ari imwe mu nzira yo kwiteza imbere. Hari abo twayaze baranyiganira akamaro zabagiriye.

Ziratuma umuntu ahinduka.

Lidwine ni Umwigisha yabonye akamaro kinyigisho nkarishabwenge yaranyiganiye ico zamumariye. Yagize ati: ‘’Inyigisho zitangwa atari mw’ishure ni inkingi yo kubumbatira ubumenyi waronse mw’ishure no kubuha inguvu ndetse bikagufasha kubukoresha mu nzira nyayo. Izo nyigisho ni kirumara mu buzima bwa misi yose iyo wazikurikiranye udakubita urugohe. Jewe nahejeje a mashure yisumbuye mu gisata co kwigisha, ariko ngiheza sinumva neza ko nari mfise ubumenyi vy’ukuri bw’ingene nokwigisha ariko nararonse amahirwe ndakurikirana Inyigisho zatanzwe n’ishirahamwe ADIS z’uko umwigisha yokwifata kugira atange ubumenyi bw’akanovera, ndabona neza ko izonyigisho zambereye urufunguruzo kuko n’abanyeshuri nigisha bararonswa ubumenyi neza bikanibonekeza mu mwimbu wabo’’.

Eka na jewe ubwanje naravyiboneye igihe nakurikirana inyigisho zatunganijwe n’umuryango YAGA mu kwezi kw’umunani gushira ukwicenda 2018. Inyigisho naronse, zabaye ngirakamaro kuko nazikurikiranye ndazishashaye cane kuko narabona ko ari ikintu gikomeye mu kunyongerereza ubumenyi nari nsanganywe. Ubwo bumenyi bwabaye itanguriro ryo guhindura imibereho yanje kuko ntabwicaritse ahubwo naciye mfata ingingo yo kubushira mu ngiro. Icigwa kijanye no gutegura no gushira mungiro umugambi, niryo ryambere nari ndagikurikiranye. Ariko, caramfashije gutegura umugambi wo gukingira ibidukikije, ndawandika maze ntangura kuwushira mu bikorwa. Uyu musi uriko ugenda neza bitumwe n’izo nyigisho nkarishabwenge ntari narigeze ndonka mw’ ishure. Akamaro kazoo rero si noreka kukayagira abandi.

Inyigisho zishingiye ku gukarisha ubwenge, umuntu wese agize amahirwe yo kuzikurikirana akwiye kuzitaho, kuko akenshi ni imwe mu mbarutso yo gushika ahandi hantu hakomeye. Akenshi zikuzanira bishasha utari  uzi canke zikagushitsa kuyindi ntambwe y’ubumenyi utari ufise.Ubumenyi ni umushinge w’iterambere ni naco gituma notera akamo urundi rwaruka kuzihurumbira, abazironse nti bazipfishe ubusa.

(Visited 57 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *