Bategerezwa kwipimisha umugera wa corona, atari uko bafatwa nk’abansi b’igihugu

Abo ni abinjiye mu gihugu bavuye hanze y’igihugu. Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana yabimenyesheje kuri uyu wa 18 Munyonyo 2020 mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe yariko aratanguza igikorwa co kwigisha abaremeshakiyago kugira bazoje gufasha muri rwa rugamba rwiswe : Ndakira,   sinandura kandi sinanduza coronavirus.

Muri iyo nama,  yasavye abaremeshakiyago gusubiza kwa muganga uwo wese avuye hanze y’igihugu mugihe aterekanye urupapuro (certificat) rwerekana ko yipimishije  coronavirus, bibaye ngombwa n’abajejwe umutekano bakore.

Yabivuze mu gihe kuva ikibuga c’indege cuguruwe igenekerezo rya 9 Munyonyo,  hatowe abarwaye ikiza coronavirus bagera 16 mu ngenzi zigera ku 453. Abo bose ngo baza bafise impapuro zemeza ko ata Coronavirus bafise. Umushikiranganji Thadée Ndikumana.

Akibutsa abenegihugu bose kugaruka kuri za ngendo zo kutaramukanya bakorana mu minwe, kutagwana mu nda gukaraba kenshi gashoboka n’amazi meza n’isabuni mu ntumbero yo kwirinda ico kiza.

(Visited 11 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *