Bugarama : Kwotsa ibigori, umwuga utunze urwaruka rutari ruke.

Umwuga wo kwotsa ibigori, ni umwe mu myuga itunze urwaruka rutari ruke rw’i Bugarama, komime n’intara ya Muramvya. Mu gihe ahandi nko mu gisagara ca Bujumbura usanga ukorwa n’abagore, i Bugarama hoho ukorwa n’urwaruka rw’imisore. Bavuga ko ubamariye akamaro kanini kuko ubafasha kwikenura mutwo bakenera. Intahe

Turi ku munsi wa gatatu, igenekerezo rya 18 munyonyo 2020. Ni  isaha indwi z’umutaga. Dushitse i Bugarama mu modokari. Ikirere casa n’icijiriwe, imvura isa n’iyishaka kurwa. Naho hasa gutyo, urwaruka rwaho  ntirwumva n’akabeho, ikibaraje ishinga ni urudandazwa gusa.

 Urwaruka rwaho, womengo nivyo bonkejwe mu maraso. Ku modoka yose irenganye, Ubona bacanacanako. Abatazanye  inyama zokeje, bazana imihwi, ibigori vyokeje, intumbaswa, amatunda n’ibindi. Bose baniganira ku madirisha y’i modoka kugira bagurishe.  Mu kanya twahamaze, twaregereye abakora umwuga wo kwotsa ibigori baratuyagira ico uwo mwuga ubamariye.

Ntiranyibagira Désiré ariko yotsa ibigori

 Ntiranyibagira Désiré, akoze akazi ko kwotsa ibigori igihe kitari gito, aratuyagira ivyiza vy’uwo mwuga.  » Maze imyaka igera ku munani nkora akakazi. Aha ubona, karamaze kumfasha ibitari bike. Niko gatuma nikenura nkagura utwo nipfuza twose kumunsi kumunsi ». Désiré abandanya avuga ko uretse utwo akenera Ku munsi ku munsi, aramaze no kwiyungunganya mu kugura ibitungwa. « Ndamaze kugura ibitungwa  bitari bike. Nahereye kungurube nongera ndagura  impene n’intama. Ico ntarashikako ni inka  gusa. »

Irakoze Olivier atembereza ibigori

Irakoze Olivier nawe ni umunyeshure. Yiga mu mwaka wa gatandatu. Ariko, nawe iyo yahejeje ivyigwa, aca aza kwiyungunganya mu gutembereza ibigori vyokeje kandi ngo biramaze kumufasha.

« Iyo mvuye kwishure nkabona ndahejeje  ibikorwa vyo muhira nca nza ngaha . Ico nkora ni ugutembereza ibigori, ndabikura aho Désiré avyokereza nkabigurisha ku modoka zitwaye ingenzi canke aho bicaye bivuna akanyota.

None uwo mwuga umufasha  iki?

Uyu mwuga uramfasha cane. Uratuma nunganira abavyeyi mu bikoresho vy’ishure, impuzu zose nije ndazigurira. Eka mbere ndamaze kugura n’udutungwa nk’ingurube hamwe n’impene.

Urwo rwaruka rwose rukora ako kazi, ruremeza ko kabatunze kandi ataco kabaye. Bavuga ko badatahura urwaruka rucigayisha akazi. Kubwa Desire Ntiranyibagira, ngo ntakazi kabi kabaho. Igikuru ngo ni ico ugakuramwo. Agirako ahanura urundi rwaruka gukura amaboko mu mpuzu rugakora akazi kose kabonetse kuko ngo ntamwuga mubi ubaho kiretse uwo kuroga.

(Visited 100 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *