Bujumbura: Amashirahamwe y’abitiranwa, ubundi buryo bwo gufashanya

Iruhande y’amashirahamwe ahuza abavukakomine, abahoze biga hamwe, abasangiye imiryango n’ayandi yari amenyerewe, ubu ho n’abasangiye amazina basigaye bahurira hamwe bakagira ishirahamwe. Ibitari bimenyerewe. Abo rero ngo basanze bifise akarusho mu buzima bwa misi yose, hari abemeza ko baharonkeye abageni, abandi akazi kubera izina. Intahe.

Ineza Cynthia, umunyeshure muri kaminuza imwe iri i Bujumbura, ni umwe mu bari mu murwi “Ineza family” uri i Bujumbura. Aremeza ko uyo mugwi ari ngirakamaro kuko wamuhuje n’ urundi rwaruka kandi agashima ibikorwa bakora:  » Turashigikirana mu buzima bwa misi yose, haba mu vyiza no mu bibi, uwugize ubugeni turahashika nk’ umuryango twitwaje agakemanyi kazobafasha mu misi ya mbere ,uwugize ingorane nawe nyene turamusuhuza tukamugarukirako kugira ngo tumuremeshe”, bivugwa na Ineza .

Ivyo bikorwa ngo ntibigarukira ku gufashanya hagati yabo gusa.  Ngo barabandanya n’utwigoro ku bagowe. “Ivyo dukora kandi ntibigarukira kubo twitiranwa gusa. Oyaa .Turategura ibikorwa vy’ urukundo. Akarorero notanga ni uko duhora tugenda mu bitaro gusuhuza abarwaye, canke tukagurira ibikoresho vy’ ishure abana ba ntahonikora.  Aba ari mu ntumbero yo kugira turangure ineza aho tubaye, nkuko izina ari Ineza Family”.

Irakoze Pacifique nawe ni umwe mu rwaruka ruhurikiye mu wundi murwi w’ abahujwe n’ izina rya Irakoze. Uwo nawe aratwiganira ivyiza vyo kuba muri wo.  “Uretse ko tutavuka hamwe, tugizwe n’ urwaruka ruva mu mihingo yose.  Turi kandi umuryango ushingiye ku bikorwa vyo gushigikirana mu vyiza mbere no mu ngorane . Ikindi ni uko abo dusangiye umurwi turahanahana bishasha nk’ amakuru ajanye n’ akazi ubona ko akazi gakenye. »

Ku kibazo c’ uko ataboba babifata minenerwe, Irakoze agira ati: “Abo ntibashobora kubura mu murwi ariko uko babona ko abenshi babikorana ubwira, nabo bibaha icigwa”.  Amenyesha ko uwo murwi bafashanya nk’ umuryango kubera izina gusa ribahuza. Abona ko ari ikintu ciza mbere n’ urundi rwaruka ngo rukwiye kuja hamwe kuko atari iciza atakibi kirimwo.

Uwundi munywanyi wa Irakoze Family ati: “Uyu murwi wacu narabonye abashimanye kubera bahahuriye. Ubu barubatse urugo rwabo. Ico naco ni ikintu ciza kiza gukomeza umubano mwiza mu miryango”.

Lionel Niyomwungere nawe ni umusore w’ i Bujumbura muri Nyakabiga arashima ivyo guhurira mu migwi ya ba mazina ati: «Turamaze gushinga uwo murwi. Mbere twawise «Niyomwungere Family « .  Uhurikiyemwo abahungu n’ abakobwa bitwa iryo zina, nta dini twisunga canke intara. Intumbero gusa ni ugufashanya kugira ngo twiteze imbere mbere turategura no gushiraho ikigega c’ integabizoza.

Amahirwe kuri bamwe, umubabaro ku bandi

Naho biri uko, hari urwaruka rwagerageje narwo kwubaka umugwi muri ubwo buryo maze ntirwagira ayo mahirwe. Irène Ndayisenga aba i Bujumbura ari mubagerageje biranka. « Narihweje ibikorwa vy’ ayandi mashirahamwe y’ urundi rwaruka nka Irakoze na Ineza akatari gake. Naciye mpitamwo kwegeranya nanje abo duhuje amazina ari bo ba Ndayisenga. Ntivyatevye gukora inama ya mbere ariko ivyakurikiye nta camwa ciza vyigeze bitanga. Ubu rero ntitugikora kandi ni uruhombo rudasanzwe ». Ndayisenga amenyesha ko hamwe yoronka abagenzi bavyumva neza ko boheza bakabandanya iryo shirahamwe. Ngo niho n’abobona ivyiza biharangurirwa borwira maze uwo mugwi nawo ugakomera.

Muri kino gihe urwaruka ruhamagarirwa cane kuja hamwe mu mashirahamwe yo kwiteza imbere, Ivuka ry’amashirahamwe afatiye ku mazina canke ibindi nayo ashobora kugira ico abafashije mw’iterambere. Ariko bisaba ko biha intumbero nziza ahandi ho bazosanga atanyungu bizaniye igihugu.                                            

(Visited 201 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *