Bujumbura: Gukura ibikoresho vyo kwubaka mu nzuzi vyahagaritswe.

Image: RTNB

Ibikorwa vyo gucukura umusenyi n’amabuye mu nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura bikorwa hatisunzwe amategeko. Kuri iyo mvo, abajejwe  ibigo OBPE, OBUHA, OBM, Uwurongoye umugambi Ewe Burundi Urambaye hamwe n’uwurongoye igisagara ca Bujumbura baciye batunganiriza hamwe urugendo rwo kuraba ingene ibikorwa vyo gucukura umusenyi n’amabuye muri izo nzuzi biriko biragenda. Hari kuri uyu wa 03 Nyakanga 2020. None ingingo zafashwe ni izihe ?

Prime Niyongabo arongoye umugambi Ewe Burundi urambaye arikumwe n’abarongoye ibigo OBUHA,OBM,..

Zose hamwe uko ari zitanu zagendewe, inzuzi za Kizingwe, Mugere, Mutimbuzi, Ntahangwa hamwe na Kanyosha zirakorerwamwo ibikorwa vyo gucukurwamwo amabuye hamwe n’umusenyi. Bamwe mu bakora ako kazi ko gucukura umusenyi baremeza ko ari izo nzuzi zibatunze, ndetse hakaba hari n’ababitanguye mu myaka y’ 1980 nk’uko umutama twasanze ariko arapakira umusenyi mw’ibeni ku ruzi Kanyosha avyiyemerera.

Nk’uko vyibonekeje kandi kuri bamwebamwe bakora ako kazi twasanze kuri izo nzuzi, bamwe barafise impusha, abandi zarataye igihe mu gihe hari n’abandi batazifise.

Kuri izo mvo uwurongoye umugambi « Ewe Burundi Urambaye« , Prime NIYONGABO agira ati: “Twagize urunani rw’ibidukikije kugira dukorane n’abatanga impusha zo gucukura muri izo nzuzi n’abajejwe intwaro, ntihagire uwukora ngo uwundi yonone kandi bikorwe ata mutekano uhungabanye.” Ikindi ngo nuko ivyo bikorwa vyo kuropora vyokorwa mu buhinga kandi bikurikije amategeko, kuko navyo biri mu vyotuma umutekano uhungabana,  nk’iyo inzuzi zuzuye zigatwara abantu n’ibintu. 

Abemerewe kuropora ni bande, abahagaritswe bo?

“Kiretse aba Shinwa bonyene bemerewe gukorera ivyo bikorwa ku ruzi Mugere kuko bafise impusha zibibemerera, abandi bose basabwa guhagarika kandi n’abitwa ko bafise impusha barimwo”, bishikirizwa n’umuyobozi w’ikigo OBM( Office Burundais des Mines et des carrières), Jean- Claude NDUWAYO.

Jean Claude NGENZI arongoye ikigo OBUHA( Office Burundais de l’Urbanisme, de l’Habitat et des constructions) nawe asigura ati: « Aho gukura mu nzuzi amabuye canke umusenyi uruzi rwazanye kugira amazi arengane neza, abo baropora baheza bakimba muri nya nzuzi nyene hasi canke mu nkombe zazo, ibiheza bigatuma inkombe z’izo nzuzi zisinzikara. » Ivyo navyo ngo  bishobora gutera ingorane imvura imaze kugwa.

Uwo arongoye ikigo kijejwe amatongo, uburaro n’inyubakwa OBUHA asaba abaropora amabuye n’umusenyi mu nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura kuba barahagarika gushika imvura iguye kugira ngo vyigwe neza.

Hagati aho, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana, yamenyesheje ko ingingo zafashwe agiye kuzishira mu ngiro kugeza ibintu bigiye mu buryo, ababijejwe bakabarekura, bakanabereka uko bazobikora. Nayo kuvyerekeye ko abo bakora ako kazi boba batanga ama tagisi, umukuru w’igisagara amenyesha ko agiye gufatanya n’abo bakorana, kugira barabe ko ayo mahera yinjira mu kigega c’ubuyobozi bw’igisagara.

(Visited 110 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *