Bujumbura: inzuzi zirabangamiwe n’Ibikorwa vyo gufyatura

Izo nzuzi zose zihanamiye igisagara ca Bujumbura. Inkengera z’izo nzuzi ziriko zirimbwa. Abazimba baba bariko bararondera ivu ryo gufyatura amatafari. Ariko atagikozwe, bishobora kuzotera impanuka zitari nke cane cane imvura imaze gutasura .

Turi ku munsi wa kabiri, isaha zitatu n’igice. Ku ruzi Nyakabugu, ruri muri zone Gihosha. Abasore bakuze, abana, bose bari haruguru gato y’inkengera z’urwo ruzi. Bari mu matafari meshi. Abana barafyatura, abakenyezi nabo bariko barikorera bajana amatafari aho bayaturirira.

Hakurya, hibonekeza imanga nini kuri izo nzuzi. Amazu ari hejuru y’izo manga. Amwe bikaboneka ko ashobora gusenyuka umwanya uwari wo wose.

Kubera iki abo bantu bashimye gufyaturira ngaho?

Bamwe mubaba ngaho muri ico gice kirabana n’aho bita mu gi china, bamenyeshako bahimukiye kuva aho uruzi cashi rubomoreye amazu mbere rukanica abantu mu gice ca winterekwa. Hari muri kigarama 2019.
« Abana ntakundi twari kubarera. Twahisemwo gufyatura amatafari », uko niko umwe mu bakenyezi asigura.

Ku rundi ruhande, isi yo muri ico gice iranyika, cane cane mu gihe c’imvura. Ico gihe rero inzu nyishi zigomba kubomoka. Ba nyenezo bahitamwo gufyatura amatafari. Bayagurishije baca baja kurondera aho bagura kugira ngo babe mu mutekano.
« Iyo imvura iguye, amazi ava haruguru no hepfo aradukuramwo umutima kubera ubwoba » Nzoyihera Génévieve, umukenyezi afise abana batatu avuga ko yabuze aho yimukira aba yaragiye.

Mu ntwaro bavuga ko vyose bitegerezwa guhagarara

Mu ntwaro muri zone Gihosha basigurako batari bwamenye ivyo bikorwa vyo gufyatura amatafari bibera ku nkengera y’urwo ruzi. Floribert Sibomana arongoye iyo zone amenyesha ko ivyo abo benegihugu bosigura vyose bitagira ifatiro mu gihe bitariko bikurikiza amategeko.
« Imbere yo kubihagarika, nzobakoranya ndabasigurire ingaruka mbi z’ibi bikorwa bariko barakora. » Uko ni ko asigura.

Ese imvugo yokwama ijana n’ingiro

Ibikorwa nk’ivyo vyariko birabera ku ruzi Nyabagere. Abamenyeshamakuru bakorera ku bijanye n’ibidukikije bahashitse kuwa 21 Mukakaro 2020 baraheza baratabaza babicishije mu binyamakuru n’amasamirizi bakorera.
Indwi imwe inyuma y’aho, abo bafyaturira kuri urwo ruzi bakaba barahagaritse.

Hamwe abajejwe intwaro bobandanya bakora gutyo hoba ho akarusho. Ariko kandi abanyagihugu baba muri ivyo bice basaba ko izo nzuzi zokwubakirwa mu ntumbero yo kuzikingira.

(Visited 61 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *