#Burundi Bari bagisibije mu gukora ububisha none batawe muri yompi


Umurwi abantu 13 wahora ukora ububisha bwo kwiba amakinga, za pikipiki ntonto bita Jeho kuki, amafaranga, gufata ku nguvu abakenyezi no gukubita abantu mu duce twa #Buterere no kwibarabara rija ku kibuga c’indege, warafashwe urongera urasamburwa n’abajejwe umutekano. Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano avuga ko bari bafise ikirindiro mu Buterere bakigira abajejwe umutekano kandi bagakoresha n’ubuhinga bwa Motorola mu guhanahana amakuru. Uwo murwi nyene ngo niwo waheruka gutera grenade ku Mutakura mu gisagara ca Bujumbura. Nayo inzu babamwo ngo niyo bakoreramwo ubwo bubisha bwo gufata kunguvu abigeme n’abakenyezi baba bafashe hirya no hino. Vyashikirijwe kuri uyu wa 24 Mukakaro 2020 na Petero Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano. Abo bantu bakaba baranerekanywe ku mugaragaro.

(Visited 32 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *