Burundi: Bose kw’ishure, bamwe baribagiwe!

 Umwaka w’ishure waratanguye mu ntango z’ukwezi kw’icenda 2020. Si abana bose bashoboye kugira amahirwe yo kujana n’abandi. Ku bagendana ubumuga butandukanye hoho, impinga iracari ndende.

Ku wa ndwi Nyakanga 2020. Mu mabarabara yo hirya no hino mu gihugu, hibonekeza urwaruka, abato n’abakuze. Bamwe bambaye umwambaro wa kaki. Abandi nabo amashati yera, amajipo canke amapantaro yirabura. Hari n’abitwikira ku mutwe. Ico bose bahurirako: Bafise amakaye mu minwe kuko ni abanyeshure. Abashasha barabinezerererwa. Kukaba nkako, ni ho hategurirwa kazoza. Ariko rero muri uko gutegura kazoza k’igihugu, hari abana bibagirwa: Abagendana ubumuga. Imvo ni nyishi.

Abavyeyi ubwabo, ntibabashira kwishure

« Uyu ni ikimuga. Ntaco yovamwo. Nzokwigisha uwukomeye » . Iyo ni imwe mu mvugo z’abavyeyi bamwe bamwe bakiri mu kutamenya. Aremanga ko umwana wiwe ari ikimuga, kandi yamutwaye mu nda amezi icenda nk’abandi. Ugasanga rero aguma amunyegeje, ntiyigere amushira ahabona, ngo bomutwenga. Ivyo bikazigamika iterambere ry’abantu bagendana ubumuga. Kugira ngo tuvuge ko ishure ari irya bose, iyo ngendo yari ikwiye guhinduka.

Ubukene mu miryango

Birakunze kuvugwa ko abana bo mu mashure y’intango biga ku buntu. Ku bagendana ubumuga si ko biri. Hambavu y’amafranga yo kugura ibikoresho vy’ishure, umuvyeyi ategerezwa kugura ibindi bifasha uwo mwana kubaho, kwiyunguruza (nk’agakinga, ibekiye yo kwishimikiza,…). Ivyo bikoresho birazimvye. Abeshi bahitamwo kugumiza umwana i muhira.

Inyubakwa  si izabigenewe

Amashure aguma yubakwa hirya no hino. Ni ivyo gushima. Ariko rimwe na rimwe, haribagirwa gusiga ikibanza corohereza abagendana ubumuga. Ku bwinjiriro usanga hari ingazi. Izo, uwufise ubumuga bwo gutambuka ntashobora kuziduga. Baba bamwibagiye. Hamwe yogira amahirwe yo kuronka n’agakinga, ntivyokunda ko agacisha kuri izo ngazi.

Abarezi nabo nyene, babifisemwo uruhara

“Uwo ntitwomwakira. Agiye mu bandi yobasamaza”. Iyo ni imwe mu mvugo zikoreshwa na bamwe mu bajejwe kwakira abo bana ku mashure atandukanye.

Hampande y’ivyo, ntibanosoye ubuhinga bwo kwigisha abatabona canke abafise ubumuga bwo kwumva. Izo zose ni intambamyi zikomeye ku bagendana ubwo bumuga. Reta yari ikwiye kwigisha abashobora gusahiriza abafise ubumuga butandukanye.

Reta yaragerageje, ariko impinga iracari ndende

Hari ho ibigo vyuguruwe i Bujumbura na Gitega kugira ngo bifashe abo bana bagendana ubumuga. Aho ni nka : Saint Kizito, Ku kamuri, Kwa Johnson, i Gihanga, Ku Mushasha, ku Mutwenzi, ivyo bigo ni ho biri. Ariko Adélaïde NYIGINA aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe UPHB ry’abagendana ubumuga, avuga ko « bikiri bike cane ».

Hamwe ibi vyokorwa vyofasha

Muganga Aimé Mugisha, asanzwe akora mu mugambi wo gukurikiranira hafi abagendana ubumuga kugira ngo nabo baterere mw’iterambere ry’igihugu. Asigura ko abagendana ubumuga ari beshi mu kibano.

Ku bwiwe, ni nkenerwa ko abategura igisata c’indero biyumvira ku bagenda ubumuga. Abona kandiko horwizwa ibigo vyakira abagendana ubumuga bamwe bamwe mu bumuga bwabo. Ariko, kubwiwe ivyo ntibihagije: « abarezi bokwigishwa ku mategeko akingira abagendana ubumuga, Reta ikanafata mu mugongo abavyeyi b’abo bana bagendana ubumuga bakiga mu mashure yabigenewe. Yobaronsa ibikoresho n’ibindi vya nkenerwa kugira ngo nabo bige k’ubuntu nk’abandi bana bose b’igihugu. »

(Visited 59 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *