Burundi Coronavirus: Ingingo zindi zokwunganira izafashwe

Haraheze iminsi mikeyi hibonekeje ikiza  Coronavirus mu Burundi, ubushikiranganji bw, amagara y’abantu  bukaba bwari bwaratangaje uburyo bwa OMS bushika 7 imbere y’uko ico kiza gishika mu Burundi, budufasha kwikingira Coronavirus. Ariko rero, bamwe  mu bayaze n’ikinyamakuru La Nova abandi bagashikiriza ivyiyumviro vyabo babicishije  ku mbuga zaco babona ko hakiri agahaze kugira dushobore gutuza burundu ico kiza.

Thaddée Ndikumana ariko araba ko ingingo zubahirijwe mu gisagara ca Bujumbura

Igenekerezo rya 31 ntwarante, niho umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana yamenyesha ko hatowe abantu babiri bagwaye indwara ya coronavirus, mugihe hari hageze ikiringo kirenga hafi amezi 3 yibonekeje mu bihugu nka vyose vyo kw’isi , mbere ikaba imaze guhitana ibihumbi n’ibihumbi vy’abantu. Muri kino gihugu rero abatari bake ,ubwoba bukaba ari bwose, bakavuga ko kutaramukanya, gukaraba n’amazi meza n’isabune, n’izindi ngingo zafashwe zidakwiye kugira ico kiza gituzwe mu Burundi.

Ivyiyumviro vya bamwe n’abandi.

Bamwe mu bo twaganiriye, baremeza ko hakwiye gufatwa izindi ngingo kugira ico kiza gituzwe neza. Umunyagihugu umwe wo muri Komine n’intara ya Rumonge, akaba atashimye ko tumuvuga akazina , agira ati: « kutaramukanya vyari vyiza, ariko tumenye ko mu gusuma twese dukoresha amahera nayo akaba aca mu minwe y’abantu benshi kumunsi. Arongera ati: mbe ko batubuza kuramukanya , ariko ushobora gutembererwa n’umushitsi kandi mugasangira ku nkoko imwe, aho hoho ntakwanduzanya vyohaba? »

Hugues  nawe ni umusore aheruka guheza amashure y’isumbuye mu gisata c’ubuhinga kuri E S T RU avuga ati: « Iyaba ari ibikunda nta n’umwe yarakwiye kuryamana n’uwundi gushika iki kiza kirangiye kuko umwe wese mu muryango ashobora kuba yiriwe mu mihingo itandukanye  ihurirwamwo n’abantu benshi  gutyo agashobora kwanduza abasigaye imuhira ».

Abasomyi bacu nabo baragize ico bavuga

Abadukurikirana biciye ku rubuga rwa facebook nabo nyene nti basigaye inyuma mu gushikiriza amakenga yabo. Gratien Niyimpagaritse ,umusomyi wa La Nova  ku ciyumviro ciwe agira ati : « Turababazwa n’abantu bashira kumbibe. Kuki babarengana bakinjira i Burundi? Ni igiturire batanga se? canke hari utuyira dusanzwe mu mitumba abantu bacamwo mu kuja mu bindi bihugu canke bakaducamwo batahutse bavuye mw’ivyo bihugu vyanduye nka za Tanzanie, Rwanda, na congo. Ni bazibire hose n’ayahandi abarundi turahise! »

Ndikumana Adolphe , ku makuru  yaciye ku rubuga rwa La Nova ati: « Ndabona hakenewe gupimwa abantu bose bakabasanga mu mihana ! Gusa nuko usanga ibikoresho vyo kubasanga mu mihana vyoca bigorana kuboneka ».  

Naho biri uko  , mu Burundi hamaze kwibonekeza abagwayi batatu gusa banduye umugera wa coronavirus, ariko ibikorwa bibera abantu hahurira abantu benshi nko gusenga, mu masoko, amashure ,n’ibindi, vyose biracakorwa ukuri kwamye.

(Visited 167 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *