Burundi: CVR igiye gutohoza icateye ubwicanyi bwo mu 1972

Igice ca mbere c’ibikorwa umurwi ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi vyarangiye vy’imfatakibanza mu ntara ya Gitega. Mu kiganiro ciyaguye yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa Politike kuri uyu wa gatanu, Petero Claver Ndayicariye arongoye uyo murwi amenyeshako ibikorwa bizoca bibandaniriza mu ntara z’ubumanuko.

Abangana 12. 643 ni vyo bisigarira vy’abantu batawe mu binogo rusangi umurwi CVR umaze kuzura. Ni ibiharuro vyimfatakibanza bitangwa n’uwo murwi. Petero Claver Ndayicariye awurongoye amenyeshako ivyo biharuro ari imfatakibanza kuko ibikorwa bibandanya. Abo bazurwa bakaba ari abishwe ahanini mu myaka y’ 1972.
Nabo nyene si bose batowe. “ Hari abatwawe n’uruzi nyambeho muri komine Giheta mu ntara ya Gitega, hari abazimanganye burundu kuko batabwa mu binogo hakoreshejwe amamashini yitwa Tingatinga.Hari abari batawe  mu binogo ishirahamwe SOGEA Satom ryarengeje ko ivu muri komine Shombo intara ya Karusi ”. Ivyo vyose vyarabereye intambamyi umurwi CVR mu kugira ngo ibatore vyoroshe.

Hoba hazurwa abahutu canke abatutsi?

Pierre Claver Ndayicariye arongoye CVR asigura ko “ Kugeza uyu musi hariko hazurwa abarundi bishwe bunyamaswa, bagatabwa mu binogo ikivunga. Ntawoshoka avuga ngo ni ubwoko ubu canke buriya. Ariko inyuma y’ibi bikorwa, hazoba kwumviriza ababibonye, imiryango yabo, gutyo hamenyekane abishwe abo ari bo”

Inyuma y’ibikorwa vyariko birangurirwa i Gitega na CVR, uwo murwi uzoca ubandanya mu ntara z’ubumanuko bw’igihugu kugira ngo koko umenye icabaye intandaro y’ubwo bwicanyi nk’uko Pierre claver Ndayicariye abandanya abisigura. Agashimikira ku ntara nka Rumonge, aho bivugwako ari ho hatanguriye ubwo bwicanyi.

Igikomere kigoye gukira

Ababuze ababo mu mwaka wa 1972 baracuzuye agahinda. Igihe bicirwa ababo “ntibarize, ntibahamvye, ntibagandaye, ntibagandutse, …”. Ni co gituma abarundi bogerageza kuja mu kibanza cabo bakumva uko bibabaza, maze bagatahura. Igihe vyose bizoba vyegeranijwe, hazokwubakwa icibutso kimwe kimwe ku gwego rw’igihugu, ku rwego rw’intara, ku rwego rw’amakomine.
Kubwa Petero Claver Ndayicariye, ivyo bizogabanya ibisebe vyo ku mutima abantu biciwe bafise.

(Visited 56 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *