Burundi: Kwakira ama dosiye yo gusaba ko amashirahamwe yemererwa vyabaye birahagarikwa

Bimenyeshwa n’Ubushikirangaji bw’ Intwaro yo hagati mu Gihugu, Iterambere Rusangi n’Umutekano. Mw’itangazo ryasohoye kuri uyu wa 24 Ruheshi 2020, bumenyeshako ababwitura bose ko ibikorwa vyerekeye: ugusaba kwemeregwa kw’amashirahamwe adaharanira inyungu ( ASBLS) n’amashengero (confessions religieuses), ukurondera impapuro zemeza ivyapfundikiwe mu manama y’inzego z’amashirahamwe canke amashengero (Prise d’acte), canke impapuro zemeza uburongozi bw’ayo mashirahamwe n ‘amashengeryo bikorwa bibaye birahagarara, mu kurindira indinganizo nshasha y’ubwo bushikiranganji.

(Visited 9 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *