Burundi: Uburimyi n’ubworozi ni vyo yashize imbere mu kugwanya ubukene.

NZOYIHAYA Benjamin ,ni umusore w’imyaka mirongo ibiri n’ine. Avuka muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke. Yize amashure yo guhingura ibiva mu burimyi (Transformation Agro-Alimentaire). Yarize kandi inyigisho zo kurima no kworora. Yaciye yiha ihangingiro ryo kwikorera utwiwe. Imigambi yashize imbere akaba ari kurima, kworora, guhingura, kudandaza ibifungurwa, gutanguza ama koperative. Hambavu y’ivyo akaba yaranashinze ishirahamwe EACIE (East African Center for Innovations and Entrepreneurship) ». Rirangurira imirimo ku mutumba Mparambo ya kabiri, komine Rugombo, Mu Ntara ya cibitoke.

Mu migambi yiwe yipfuza kuronsa akazi urundi rwaruka, gushika ku rwaruka ijana. Akanarufasha no kwitunganiriza imigambi yagwo.
Abakozi mirongo itanu ni bo amaze guha akazi.

NZOYIHAYA Benjamin ngo yipfuza kuzoteza imbere ubworozi bw’inkoko.
Mu ntango z’umugambi ngo yaragize ingorane zitari nke. Ariko ngo yarabandanije. N’ubu intambamyi ziracahari kugira ngo ashike kw’ihangiro yihaye. Akamenyesha ko hamwe yoronka abamufata mu mugongo yorishikako.


(Visited 240 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *