Burundi: Urudandazwa rw’abantu rwoba rukibaho canke rwahinduye isura?

Abakenyezi 101 barafashwe n’igipolisi kuwa 14 Kigarama 2020. Bafatiwe mu rugo ruri muri zone Buterere, komine Ntahangwa yo mu gisagara ca Bujumbura. Mu gipolisi bakavuga ko abo bakenyezi bari barindiriye kujanwa hanze y’igihugu. Ariko ngo bari batswe ibibafasha guhanahana amakuru n’abo hanze bose. Mbega none boba baja hehe? Baja gukora yo iki? Intahe.

Iciyumviro caje umusi naja mu kigo c’igipolisi kijejwe ibirere n’imbibe. Nari mperekeje umugenzi agiye kurondera mureke arengane. Icantangaje, abari muri ico kigo nka benshi (Uwo musi) bari abigeme n’abakenyezi. Ubona ko n’isohoka ry’urwo rupapuro rimwe rimwe ritihuta, twabaye turaganira na bamwe mu bari ngaho mu kurindira.

Jeanine*, umwe muri bo ati: «… Aha ubona jewe narabaye muri Tanzaniya. Umusore araho amvyarako. Mugabo ntaco yigeze amfasha. Ngarutse mu Burundi, uwundi nawe asanzwe ari umudereva wo mu ntara ya Rumonge asubira amvyarako. Abo bose ntaco bamfasha. Ndarushe. Nahora ncuruza ivyamwa mu ntara ya Makamba. Naragerageje kubijana muri Tanzaniya. Inyungu nabonye ari nto cane. Mpisemwo kuja kurondera ubuzima muri Sawudiya (Arabie Saoudite). Sinzi uwo naririye, ampa amahera yo kurondera ibi vya ngombwa. Ngomba ndonderere abo bana. Bambwiye ko akazi kaboneka ari ako mu nzu. »

Mariyana nawe, haheze amezi make avuyeyo. Wewe ngo yarahatomboreye naho bitamworoheye. Na we nyene, intumbero ni nk’iyo nyene:

«Namaze muri Oman imyaka itatu. Nagiye kugira nshobore kurera umwana navyariye iwacu nkifise imyaka 16. Ngarutse narashoboye kugura inzu mu gisagara ca Bujumbura. Twarashwana nivyo, ariko udufaranga naraturonse. Ubu, ngomba kuzoca nja i Dubai.”

Adija, ngo yabonye atabanye neza n’umugabo, ahitamwo kuva aho baba, mu ntara ya Makamba, aja kurondera ubuzima. Agarutse, yagize umugambi wo kujana abandi batatu bavukana, ngo nabo bikenure.

Erega si abigeme gusa! Rodrigue*, yari umugenzi. Nari naramubuze ku gahamagazo (Telephone). Hari haciye igihe kirekire. Nagiye kumutora kuri Facebook. Tuyaze ambwira ati: »Ubu ndi muri Omani, ubuzima bwaranse mpitamwo kugenda »

Birafitaniye isano

Bose bahurira ku kintu kimwe: Batanga amahera kuri abo babajana, maze bakabafasha mu nzira. Ikiboneka ni uko abenshi muri bo bitumwa n’ukubura ubuzi, maze bakaja muri ivyo bihugu kwisumamwo.

Kahise ka Afrika kavuga  ko hari abera batwara abirabure, bakabatwara baboshe, bakubitwa, bambitswe iminyororo, ababajana barabagurisha ku babakeneye. Aho baba babajanye kubakoresha ibikorwa vy’inguvu, n’ugupfa bagapfirayo.  Ni nk’abajanywe za Amerika n’ahandi.

Ikiboneka, ubu ico gikorwa carahinduye isura gusa. Ubu abagenda bagenda  baravyironderera. Baranabirihira amahera atari make. Hari n’abakina akamari kugira ngo bikunde, ico bita Green Card n’izindi.

Aho vyakorwa n’abera vyaragwanijwe n’abanyafrika kubera babona agahotoro bagirirwa. Eka n’ubu ntivyera ngo de. Hari amareresi magufi magufi ahora aboneka abo bigeme batabaza ko babangamiwe. Hari n’amajwi, amasanamu ahora aboneka ku mbuga ntangazamakuru, batabaza. None ubu naho ni nde azokura afrika muri ubwo buja bushasha, bugezweho, aba nyafrika cane cane abarundi bijanamwo?

Ku ruhande rw’u Burundi, inama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa 24 Kigarama 2020 yasavye ko amashirahamwe yose afasha kujana abo bigeme mu bindi bihugu yofutwa.

(Visited 139 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *