Burundi : Uruhara rw’abahinga-banyamyuga ni ntangere mu buzima bw’igihugu

Ubushikiranganji bw’imico kama, akaranga n’inkino bwatunganije ihayanisha-gurishwa ry’ivyahinguwe n’abahingabanyamyuga  kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 11 ruhuhuma 2020. Iryo higanwa ryabereye mu ngoro ndangakaranga y’uburundi (Palais des Arts) rikazomara iminsi ine, ryitabwe n’abo mu ntara z’uburengero, ubumanuko n’uburaruko rifise intumbero yo guhuza abanyamyuga kugira  bashobore kwungurana ubumenyi bongere bagurishe ivyo bahinguye.

Godefride Hakizimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imico kama, akaranga n’inkino.

Mw’ijambo ryo kwugurura ivyo bikorwa,  umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji Hakizimana Godefride yamenyesheje ko uruhara rw’abahinga-banyamyuga ari ntangere mu buzima  bw’igihugu kuko ivyo bahingura bidubafasha mu kwikenura, mu kwishariza,  gushariza aho tubaye canke turangurira imirimo.

Bwihweje  ubwira  barangurana ibikorwa vyabo, Ubushikiranganji  bw’imico kama akaranga n’inkino  bwashimye gufata umugambi wo kubahuza kugira  bashobore kwungurana ubumenyi bongere bagurishe ivyo bahinguye nkuko Umupfasoni Hakizimana abandanya abivuga.

Ibihingurwa na Hasabumutima Victor

 Hasabumutima Victor, umwe mu banyamyuga bari aho akaba akora ibintu bitandukanye nk’ibiseke, udusakoshi,  akoresheje ingagari, canke igatane, amenyesha ko ibikorwa akora bimubeshejeho ariko akavuga ko bagihura n’ingorane z’iyo bashorera ibihingurwa vyabo. Agasaba abiyitirira ibikorwa vyabo mukubishora hanze ko bobihagarika ahubwo bakabafasha kubereka amasoko nabo bakishikirayo.

Ubushikiranganji buriko bukora iki mu gushigikira abanyamyuga ?

Mu migambi y’ubushikiriranganji yo guteza imbere igisata c’ubuhinga,  umupfasoni Hakizimana  yavuze ko  ubushikiranganji  bagiye kwicarira  ibibazo bijanye n’imyuga ndangakaranga, mu kwamirira kure abigana n’abiyitirira ubuhinga bw’abanyamyuga maze hashirwe imbere gukingira ivyo bahingura kugirango amategeko abakingire, boroherwe mu buhinga bwabo nabo bahatorere akarusho.

Basabwa gukura amaboko mu mpuzu bagakora

Umupfasoni Hakizimana yasavye abanyamyuga gukura amaboko mu mpuzu, kugira umwete bakomeze ibikorwa. « Tubahamagariye rero kuja mu mashirahamwe, mu makoperative, mukorere mu mirwi kugira ngo mwungurane ubwenge  nakare bavuga ngo imitwe ikora ikoranye. Duheze rero twugurure amasoko ateza imbere  ico gisata haba hano mu gihugu cacu canke mu makungu maze namwe mumenyekanishe uburundi  mwongere mwiteze imbere mu vyo mukora ».

Muri iyo minsi ine hayanisha-gurishwa rizomara, abahinga bazoshobora gutora abarushije abandi  maze baronswe agashiruka bute. Nkuko uwo mwubahwa yarangije abivuga, ubushikiranganji bwemeye ko butazohengeshanya  guterintege abahinga bo mu bisata bitandukanye kugira abanyamyuga batere intambwe mu migambi y’iterambere rirama.

(Visited 34 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *