Burundi: Urwego ODECA rwaje gusubiza iteka umurimyi w’ikawa

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 18 ntwarante umwaka w’i 2020, Ubushikiranganji bw’Uburimyi, Ubworozi n’lbidukikije bwaratunganije ikiganiro kugira bumenyeshe abarundi aho ibikorwa vy’isizeni vy’umwaka wa 2020 ushira uwa 2021 bigeze kuva urwego rushasha rwa Leta rujejwe guteza imbere igisata c’ikawa mu Burundi « ODECA » rushizweho igenekerezo  rya 07 Nzero umwaka wa 2020.

 Kuva abayobozi b’urwego ODECA bashizweho, mu bushikiranganji  ngo barashima intambwe imaze gushikwako mw’irangurwa ry’ibikorwa bitandukanye bijanye n’isizeni ya 2020 ishira 2021. Bivugwa na Deo Guide Rurema aburongoye.

Icatumye Reta igaruka mu gisata c’ikawa

Umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije amenyesha  ko icatumye reta igaruka mu gisata c’ikawa ari uko  abahahora bakora amakosa akomeye nko kudahemba abarimyi, kutariha amatagisi, kutazana amahera y’agaciro kandi bagurishije ikawa, ikawa yarengana imbibe ikanyururizwa mu yandi mayira ntisubire kwitwa izina ry’Uburundi.

Mubikorwa nyamukuru urwo rwego rumaze kurangura ngo harimwo:

  • Ibikorwa bijanye no gushikiriza Urwego ODECA amatonorero y’ikawa yahora akoreshwa n’ama SOGESTAL ane ariyo, SOGESTAL Mumirwa, Ngozi, kirundo- Muyinga na Kirimiro. Ico gikorwa kikaba catanguye kw’igenekerezo rya 03 Ruhuhuma umwaka wa 2020.
  • Amatonorero mirongo indwi n’imwe (71) hamwe n’ikoborero ryo Buterere, akaba ariyo yashikirijwe Urwego ODECA. Muri ayo matonorero mirongo indwi n’imwe (71), 11 ni izo muri Mumirwa, 31 zo mu Kirimiro, 15 zo mu ntara ya Ngozi na 14 zo muri Kirundo-Muyinga.

Amenyesha kandi ko hari amatonorero acitirwa ama SOGESTAL atarashikirizwa urwego rwa Leta ngo ruyakorereko. Izo nazo nizi: SOGESTAL Muhungu/Mabayi, Ntamba/Musigati, MUMIRWA : Kabumburi/Buyengero na Rabiro/Vugizo

SOGESTAL KIRUNDO MUYINGA : Nyamasaka/Muyinga, Kagombe/Mwakiro na Buhimba/ Busoni. SOGESTAL NGOZI : Rutanga/Gashikanwa, Rwintare/Busiga, Gitwa/Mwumba.

Ni hehe ikawa imaze gutangura kwakirwa?

Muturere ikawa imaze guhishira,  amatonorero ya ODECA yaratanguye kwakira ikawa. “Kugeza ubu, amatononero ya ODECA amaze kugururwa agera kuri cumi n’atanu akaba ari aya akurikira : Muri MUMIRWA : Mugina, Murwi, Buhayira ziri mu ntara ya Cibitoke; Masama, Isare ziri mu ntara ya Bujumbura; Nzorya iri mu ntara ya Bubanza; Muri KIRUNDO-MUYINGA: Burengo, Nyange, Mwendo, Gitwenzi,Gitobe na Murehe (Kirundo); Rugerero, Gikingo na Gishambusha (Muyinga)”, Bivurwa n’umushikiranganji Déo Guide. Yongerako ati: “Ayandi matonorero akazoza arugururwa bivanye n’uko ikawa ihishiye. Ayo matonorero ni aya: SOGESTAL NGOZI: Ibikorwa vyo utegura amameza n’amamashini biherana niyi ndwi; ibikoresho vyaduze uno musi; amatonorero yose yo mu ntara ya Ngozi azokwugurura hatarenga kw’igenekerezo rya 25 ntwarante umwaka w’2020. SOGESTAL KIRIMIRO: Naho nyene ibikorwa vyifashe uko. SOGESTAL KIRUNDO MUYINGA: Zose zirakora; izitashikirijwe urwego ODECA nazo zuriko turaraba ingene zokora tugiye inama n’abayobozi. Mu bigenga: Itonorero rya koperative Dusubiziteka ikawa yo muri komine Buyengero- Rumonge; Itonorero rya MATRACO i Busasa, komine Gashoho mu ntara ya Muyinga. Itonorero rya koperative Tezimbere ikawa, Komine Muhuta-Rumonge.

Abarimyi bazohembwa ryari?

Umushikiranganji Deo Guide amenyesha ko umwimbu umaze kwegeranywa ku matonorero ya ODECA n’abigenga ungana ibiro (kg) 106 400,5 w’ikawa ihishiye nziza (cerise A), n’ibiro (kg) 16 804 y’ikawa ihishiye y’ibisorwa (cerise B). Ntiyibagiye kumenyesha abarimyi ko ihemba rya mbere rizoba imbere y’itariki 10 z’ukwezi kwa rusama umwaka w’2020. Agasaba  abo bose vyega kwubahiriza iryo genekerezo.

Leta ngo ntiyakuye abigenga mu gisata c’ikawa

Mu ntumbero kandi yo kubandanya hitegurirwa neza isizeni, amatonorero mirongo ine n’ane (44) y’ama Koperative y’abarimyi b’ikawa ahurikiye mu runani COCOCA, ngo biteguriye kwakira umwimbu muri iyi ndwi kuko bararonse uburenganzira bwo gukora.

Ngo hari ho kandi n’ amashirahamwe y’abigenga yamaze kwerekana ko ashobora gukora no guhemba abarimyi mukuzana ingwati : Ishirahamwe ETS Kaneza Lethitia ryatanze imiliyoni ijana na mirongo ibiri na zitatu n’ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu (123 750 000 Y’amarundi) İshirahamwe MATRACO : Imiliyoni ijana (100 000 000) Ishirahamwe Kayanza Spéciality Coffee : imiliyoni mirongo itanu (50 000 000)

Kubatararonka impusha zo gukora nabo, Urwego ODECA ngo ruriko rurazitanga ku mashirahamwe y’ abigenga akwije ibisabwa kugira batangure kwakira ikawa, mu turerere imaze guhishira.   Akarangiza asaba abavyipfuza kunyaragasa kuko genekerezo rya 25/03/2020 ariryo sango rya nyuma ryo gusaba impusha.

(Visited 115 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *