Coronavirus: ingingo zikomeye zafashwe mu Burundi

Muri kino gihe isi yose ihangayikishijwe n’ikiza ca Coronavirus, Uburundi nti bwasigaye inyuma mu gufata ingingo zo kuzitira butaronerwa. N’aho ata mugwayi wa coronavirus aribonekeza, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu basa n’abarikanuye. Izi ni zimwe mu ngingo zimaze gufatwa.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 20 ntwarante 2020, umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru,   yamenyesheje abarundi baba mu mahanga canke abanyamahanga baba mu Burundi biciye mu mategeko, basanzwe bari mu bindi bihugu ko boba baratenyenya gutaha, mu kurindira ko bategurirwa neza ibibanza bategerezwa kumaramwo iminsi 14 basuzumwa.Yamenyesheje kandi  ko kuva iyi ngingo itangajwe, abazotaha bose bazokwirihira aho bazoshikira, hamwe n’ibibabeshaho.

Abari hanze y’igihugu botenyenya kuza mu gihugu

Umushikiranganji Thaddée Ndikumana yabandanije kandi yibutsa abenegihugu kubandanya bakwirikiza neza impanuro zose zo kwirinda ikiza ca coronavirus na cane cane mu kwitaho gukaraba n’amazi meza n’isabuni, igihe cose mu kwinjira no mu gusohoka, mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, hamwe no kwirinda kuramukanya bakorana mu minwe canke bagwana mu nda muri ibi bihe vyo gukinga ikiza ca Coranavirus.

Itangwa ry’impapuro visas ryarahagaritswe

Iyo ngingo ije kandi yiyongera ku yindi yari yaraye  ifashwe n’umushikirangnji w’imigenderanire n’amakungu Ézéchiel Nibigira mu nama yagirishije abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mva makungu  ihagarika itangwa ry’impapuro bita « visas zitanga uburenganzira ku banyamahanga bwo kwinjira mu Burundi.

Abiketswe bashirwa ukwabo ( Mis en quarentaine)

Imbere y’uko izo ngingo nshasha zifatwa, hari hamaze gufatwa n’izindi zisaba ko ingenzi zose zivuye mu bihugu bimaze kwandura cane nk’Ubushinwa ivyo ubumwe bwa buraya ,Ubwongereza, Leta zunze ubumwe za Amerika na Australiya, ko zoshikira mu kibanza c’isuzumiro mu kiringo c’iminsi cumi n’ine.

Ni bande bakwiye kwambara « masques » ?

Mu gihe bimwe mu bikoresho bifasha kwikingira iyo ngwara harimwo gukoresha udukingirizo two ku mazuru no ku munwa bita « masques » mugifaransa, abarundi bamwe bamwe baciye bihutira kutugura. Ariko rero, umushikiranganji Thaddée  Ndikumana asaba abarundi ko batosesagura uburyo bwabo kuko twambarwa n’abamaze kwandura canke abikekwa ko banduye hamwe n’abaganga.  Ikindi bakwiye kumenya ngo n’uko utwo dukingirizo dutegerezwa gukoreshwa amasaha atarenga atatu gusa vyumvikana ko n’uburyo bwo kutugura batohava baturonka vyoroshe.

(Visited 702 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *