Covid-19: Abunguruza abantu « nta singuro bafise zotuma batubahiriza ingingo zafashwe. »

Haraheze imisi umurindi w’ikiza c’indwara ya covid 19 usubiye kuba munini. Ivyo vyatumye Reta y’Uburundi ifata ingingo zo gukinga. Uretse isekeza Ndakira, sinanduza kandi sinandukiza, harafashwe kandi ingingo yo kwugara ubutambiro n’ibindi. Ibibanza bihuriramwo abantu beshi bigasabwa kwubahiriza ingingo zafashwe.

Ku bituro vy’abiyunguruza, bimeze gute?

Mu gisagara ca Bujumbura, cane cane mu masaha y’umugoroba, imirongo miremire niyo yibonekeza. Abo ni ababa barindiriye kuja hirya no hino iyo baba. Uwushikiye kuri uwo murongo aba arindiriye ko ashikirwa hanyuma yinjire bus yigire.

Nta n’umwe akaraba nk’uko twavyiboneye. Igice kinini nka 90 kw’ijana ntibambara agafukamunwa. Ivyo biranibonekeza hagati muri bus. Aha kandi, kwicara abantu batandukanye ntibikunda, ni bane canke batanu ku ntebe. Iyo nyifato yo kudakurikiza izo ngingo iri ku bituro vyo mu gisagara ca Bujumbura iranibonekeza kandi mu bituro vyo mu gihugu hagati, cane cane ico kwambara agafukamunwa.

None habuze iki?

Ishirahamwe ATRABU(Association des Transporteurs du Burundi), ryaratanguje ku mugaragaro igikorwa co gukaraba aho ku bituro vyose vyo mu gihugu. Kugira ngo abiyunguruza babone akarorero, haragiyeho itegeko ry’uko umudereva n’uwo bafashanya bambara agafukamunwa. Izo ngingo zose zamaze umwanya urume rumara n’aho vyari vyatangujwe ku mugaragaro.

Insiguro abo bunguruza abantu batanga ni imwe runege: « Izo ngingo ziragoye gukurikiza. » Basigura ko hari abo babwira gukaraba bakanka, ngo barihuta. Ariko ikijanye n’agafukamunwa canke kwicarika abakiriya begeranye ntaco babivugako.

Petero Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo umutekano aratanga inyishu. Kuri uwu wa mbere yagize ati: »Izo nsiguro batanga ntizifashe, nta rwitwazo. Nibubahirize ingingo zafashwe. Uwutazubahirije nawe azosigura impamvu. »

Yarangije agira ati imikino yaraheze: « Uwuzofatwa atakurikije ingingo zo gukinga irandagata ry’ikiza Koronavirusi, azoshengezwa mu rubanza rw’ikibiriraho. »

(Visited 46 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *