Dr Aimé Mugisha: « Umuhamagaro wanje »

Muganga Aimé Mugisha, arongoye ibitaro Misuhuko Medical Center. Biri ku mutumba Iteka, komine Nyabihanga intara ya Mwaro. Twaramwegereye aratwiganira aho umuhamagaro wiwe wazananye mu bijanye no kuvura. Ivyo kwiga ishure y’ubuvuzi ngo ntivyari muri we, vyamujemwo mu nyuma. Agira ati:

« Navukiye ku Musama, ku mutumba Iteka muri komine Nyabihanga intara ya Mwaro. Nkiri muto narakunda ibijanye n’indimi. Maze kwiga amashure matoya, ngera aho nkora ikibazo co mu mwaka wa gatandatu abavyeyi banje baca bimukira mu gisagara ca Gitega. Imwaka w’indwi nawize kw’ishure ry’Ishengero ry’Abagenzi ryo Kwibuka. Maze nungururizwa kuri Athené, mu ndaro.
Ico gihe kubera ibijanye n’ubuhinga bwa none nahavuye ndabikunda maze numvako ari vyo nokwiga. Birambamwo. Ariko uko nabaho niko vyahavuye bihinduka bivanye n’ivyaba mu kibano.

Hari ivyavomeye umuhamagaro wanje.

Georgette HITAMANA, ni senge wanje. Nyakwigendera yari umuvuzi aho ku Musama kuva mu mwaka wa 1995 gushika 2001. Abamwibuka barazi ko yakora atiziganya, umurango n’ijoro. Iryo vuriro ryari ryatanguye mu myaka ya 1994 ritangujwe n’ibitaro vy’Ishengero ry’Abagenzi ryo mu Kibimba, mugihe c’intambara, mu nyuma rihava rirugara mumwaka wa 2015. Ndi mu mashure yisumbuye, papa wanje yarambwira ati:  » Mwanaje Aimé, uzokwige amashure y’ubuganga kuko urabona ko abantu baheruka kuvugwa neza Senge wawe akiri ho ».
Vyose vyaca inyuma y’amatwi kuko sivyo nashaka kwiga.

Ariko rero…
Umusi umwe Mama wanje aragwara, agira ikibazo co gukama amaraso. Vyasaba ko abonana n’umuganga. Ibaze namwe kuva i Nyabihanga gushika ku bitaro vya Gitega, ugenda n’ikinga. Yashitse yaremvye cane. Muri ico gihe kwakirwa kwa muganga atawe ufise akuzi ntivyari ivyoroshe. Niho nabirimbura nsanga n’abandi baracapfa kuko, ehe namwe nimwirabire:

Kuva aho Iteka gushika i Gitega ni ibirometero 15
Gushika mu Kibimba ni ibirometero 24
Uvuye aho mw’iteka gushika mu Kibumbu, muri komine Kayokwe ni ibirometero 36.

Aho mfatiye ku muntu aba avuye muri ico gice navukamwo.
Gutyo mfata ingingo y’ukwiga ico gisata c’ubuganga kigira ngo nzotabare.

Biri bube, …
gihe kimwe Papa nawe, yarafashwe, aho kumuvura indwara agwaye, yituye ivuriro rito ryari rimwegereye, bamuhaye ibinini vy’umutwe, aha ni mugihe tension yari yaduze. Mfatiye kuri utwo turorero, narabona ko hari n’abandi bashobora kuba bafise ikibazo mwene ico nyene.
Ivyo vyose vyatuma mbona ko ari nkenerwa ko niga ivy’ubuganga kugira ngo nkize umuntu umwe gusa, hama nshimire Imana.

Inkuru mbi

Ndimukurangiza amashure y’ubuvuzi naronse ibakwe ryo kurahura ubwenge mu mahanga aho vyahavuye bimpa amahirwe yo gushobora kubandanya igice c’agatatu c’amashure y’ubuvuzi hanze y’igihugu.

Ariko rero kurangiza amashure kwanje kwahuriranye n’uko ivuriro ryari aho mvuka ryugawe kubera uburyo buke n’ukubura abakozi.

Wa mugambi naciye ndawuheba, ntangura kwiyumvira ukuntu abantu b’aho mvuka boronka umuganga, ntibaze barahitanwa n’indwara.

Naho bitoroshe harabaye kudodora hirya no hino hamwe n’inguvu zidasanzwe zabanyeshengero b’Ishengero ry’Abagenzi ryo Ku Musama bo babona ibibazo biri muri kano karere mu gisata c’ubuvuzi. Ubu ivuriro ryaruguruwe, ni Misuhuko Medical Center kandi rirakorana n’umugambi wa Leta y’Uburundi wokuvura abana batarenza imyaka itanu n’abakenyezi bibungenze. Novugako indoto zanje nazishitseko. Naripfuza cane kubona abantu b’aho nataye uruzogi bapfunyirizwa urugendo iyo bipfuza kubonana n’Umuganga (Dr). Kugira ngo mbe hafi y’abagwayi, naciye mva mu gisagara aho abavyeyi baba, negera aho iryo vuriro riri.

Uyu musi ndakira abantu barenga amajana umunani banyitura buri kwezi, ku murango no mw’ijoro.

Ico nsaba Imana n’uko yomfasha nkabandanya neza ubutumwa yampaye.

(Visited 177 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *