Gitega: Bakoze umwuka (Gaz) usubirira inkwi n’amakara.

Urwaruka rwahejeje amashure kuri kaminuza y’ubuhinga y’i gitega mugisata co gukingira ibidukikije rwaragiye hamwe ruratangura umugambi wo gukingira koko ibidukikije.

Hampande yo gukingira ibidukikije, ngo bafise umugambi wo gusukura ibisagara. N’ikimenyamenya, bakoresha  » imicafu iyariyo yose ibora. » Ariko ngo batanguriye « ku micafu yo mutuzu twasugumwe duhuriramwo abantu beshi »

Urwo rwaruka ruhurikiye mw’imw’ishirahamwe abagenzi b’ibidukikije (Association Amis de l’environnement).
Ibikorwa vya mbere vyo kugerageza uwo mugambi (Projet Pilote) bikaba vyakorewe mu kigo c’ishure ry’ibikorwa vya Reta (ETP), muri komine n’intara ya Gitega. Bakaba ngo barabonye ko bishoboka.

Niyinyitoreye Marie Josée arongoye iryo shirahamwe asigurako iciyumviro catanguye mu mpera za 2018. Ariko akavugako batangura kugishira mu ngiro muri 2019. Ati : »Twavyiyumviriye mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyo twigishijwe muri iyo kaminuza muntumbero yo gukingira ibidukikije hamwe no gushira mu ngiro umugambi wa Reta wo kurwiza no gutanga akazi ku rwaruka.

Basaba Reta canke abandi kubafasha kuko ingorane zitabuze

uwo mugambi wo gukoresha umwuka (Gaz) uzotuma ibidukikije bikingirwa. Uburyo bwo gukinjika na bwo nyene buzogabanuka. Nk’uko bavyigana, inkwi canke amakara bizoca bitariko biracanwa cane, amashamba azoba akingiwe, nk’uko Marie Josée Niyinyitoreye abandanya avyigana.

Naho biri uko uwo arongoye iryo shirahamwe avugako bariko bahura n’ingorane nyamukuru yo kubura uburyo. Niyinyitoreye Marie Josée asaba ko ababishoboye bobafata mu mugongo bagashika kw’ihangira ry’uwo mugambi wabo.

Ku bwiwe bizofasha mu gushigikira Reta mu mu gambi wayo wo gukingira ibidukikije na canecane mumugambi ewe burundi urambaye. Hamwe uwo mugambi wobandanya uzofasha no kurwiza akazi mu rwaruka nk’uko arangiza abivuga.

Ku wa 27 Mukakaro 2020, niho ivyo bikorwa vyerekanwa ku mugaragaro aho mu bigo vy’ishure ryigisha ibikorwa vya Reta ETP i Gitega.

(Visited 209 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *