Gitega: Ibiciro vy’ibifungurwa bimwe biraduga ibindi bikamanuka



Mu gihe c’ici, ibifungurwa bimwe bimwe biba vyeze mu mice itandukanye y’igihugu. Ku tuguriro dutandukanye, hari ibifungurwa bigabanya ibiciro.
Hari n’ibindi bitamanuka ibiciro. Ni ko biri w’isoko nkuru ya Gitega hagati mu gihugu c’uburundi
.


Uwa 10 Myanadaro 2020. Ni ku musi wa mbere utangura indwi. Igihe c’isaha zitatu z’agatondo. Ku kaguriro gakuru ka Gitega, uruja n’uruza. urwaruka ruriko baragura ibikoresho vyo gusubira w’ishure.
Ariko, si co gituma abantu baba benshi muri ayo masaha. Mugenzi wanje Matiyasi aranyongorera: “Aya ni amasaha yo gusuma. Ni co gituma ubona abantu ari benshi”.
Mu bibanza bidandarizamwo ibifungurwa, tuhashitse, twagerageje kubaza ibiciro vya bimwe bimwe.

Igiciro c’ibiraya caragabanutse.
Ivyo biraya biri ubwoko bubiri:

Vigitoriya: Vyahora bigurwa amafranga igihumbi n’amajana abiri (1200 Fbu) y’amarundi. Ubu, bigurwa amafaranga amajana indwi ku kiro kimwe.

Kajondi: Ku kiro vyahora bigurwa amafranga igihumbi. Ubu bigeze ku mafranga amajana atandatu na mirongo itanu y’amarundi.
”Muri iki gihe ibiraya bireze hirya no hino mu myonga. Ni co gituma ubona vyazimbutse aha kw’isoko”. Umudandaza Jerari niko yatwiganiye.

Ibitoke n’amateke vyo si uko
Nta ndwi irangiye, ikiro c’amateke cagurwa amafranga amajana atanu. Uyu musi, agurwa amafranga amajana atandatu. Abayagurisha basigura ko aho igiterwa c’amateke kirangurwa, kiriko kirerura. Aho naho ni mu ntara za Rutana na Makamba, mu komine ya  Bukemba na Kayogoro.

Ibitoke na vyo nyene birazimvye. Ariko, igiciro cavyo cunyurwa n’abaza kurangura muri iyo soko nkuru ya Gitega.
Baza ari beshi, bigatuma igitoe cagurwa 2500 kigurwa 4500 mu mafranga y’amarundi.
Ivyo biciro vyunyurwa n’igihe abeshi bariko baragura ibikoresho vy’ishure, haronderwa kandi imyambaro y’ishure hamwe n’amahera y’ishure buca ritangura muri Nyakanga.

(Visited 106 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *