Gushikiriza ijambo ku munsi w’ubugeni bwawe, umugirwa mushasha utabonwa kumwe na bose

Ukuvuga ijambo ku bageni, ni ibitamenyerewe mu migenzo y’ikirundi. Mu minsi mikuru ihambaye kumuntu ariyo: ivuka, ubugeni n’ urupfu, imigirwa nka yose ijanye no kuyihimbaza ikorwa n’abandi. Ariko muri ino minsi, hariko haribonekeza ibitamenyerewe cane cane ku manza z’ubugeni aho umugeni ashobora kuvuga ijambo mbere no kugaba akagaba. Umumenyeshamakuru wa La Nova aratwiganira uko yabibonye.

Haraciye ukwezi nitabiriye ubutumire bw’ abashimanye ngo bashinge urwabo .Ubugeni bwabaye rukristu, imigirwa yasa n’ iyo menyereye kubona ariko hageze ugushikiriza amajambo, nivyo vyanteye amakenga. Muti gute?

Uwari ajejwe gutanga amajambo yarahaye uwanya uwuserukira umuryango w’ umuhungu. Uno nawe araheza arashikiriza neza ijambo ryo gusohora uwarushinze, abagaba nabo barakurikira. Gushika ngaho, ntacari gitangaje carimwo.  Haheze akanya, niho abageni nabo bahaguruka, umugabo afata ijambo arashimira abo bose baje kumushigikira. Nkuko yari yaronse utuganuke tutari duke, nawe nyene yarafashe akanya aratanga akaganuke ku muryango w’ i Bujumbura yemeza ko wamugiriye akamaro kenshi. Abari aho bose baramukomera amashi.  Umugore nawe ati natanzwe.  Araheza yakira ikinyamajwi arashima cane kuba ageze kuri iryo sango akiri muzima. Atangura guhezagira abamureze kuva mu buto, mu mashure matomato eka mbere n’ umuryango wamwakiriye agiye ageze muri Kaminuza. Nawe nyene yarangije ijambo ryiwe mu gutanga utuganuke mu munezero.

Abo twaganiriye mu rwaruka rwari ngaho bati: «Ni ubwa mbere tubonye umugeni avuga ku rubanza rwiwe! »

Uko urwaruka rubibona

Tito Niyonzima ni umusore nawe ageze kwubaka avuga ati: « Ubukwe ni ubwanje, niwo musi uhambaye mu buzima bwanje, ati najewe sinovaho ntavuze ijambo».

Elvis Nkurunziza nawe si uko abibona.   » Kuri jewe ubugeni ni urubanza ndoreranye igishika ,arongera ati :  » Ni agateka nzoba niteye nkongera ngatera umuryango ,ariko gufata ijambo imbere y’ ishengero mbona ko ari ugukengereza umuryango wandeze .Naho noba ntafise abavyeyi ,noraba uwubaserukira .Gutyo akarivuga na none umwana si uw’ umwe ni uw’ igihugu  » .

Iciyumviro c’ abakurambere

Kuri ico kibazo, twaregereye Patiri Adriano Ntabona, umukurambere akaba n’ umuntu agira ivyigwa ku mico n’ akaranga vy’ ikirundi .Niko kumwiganira uko nabibonye, nawe ati: “Mu bisanzwe, ubugeni ni urubanza rw’ umuryango, iyo umusore asohotse vyose abikorerwa n’ umuryango canke abamwegereye. Amajambo canke imigirwa ijanye n’ ubugeni vyose abikorerwa n’ abandi. No ku mwigeme ni uko bigenda”.

Ku kibazo c’ uko habonetse uwubikora mu kibanza c’ abanyamuryango, uyo mukurambere agira ati:« Ni uburenganzira bwiwe kurutegura uko avyiyumvira kuko nabwo ni ubwigenge bwiwe, ariko ari uwo mpanura yoreka umuryango ukarukora.Nawe akazovuga ijambo mu zindi manza kuko ntizibuze. »

(Visited 362 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *