Hagati y’umupfumu, umukozi w’Imana n’uwize ivy’inyifato, ni nde avura ingwara zo mu mutwe ?

Kumenya abiturwa cane n’abarundi mu gihe c’ibibazo hagati y’abapfumu, abakozi b’Imana n’abize ivy’inyifato, niyo ntumbero y’ikiganiro co guhanahana ivyiyunviro cabereye mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi co mu Kamenge. Ico kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe Galapsy rihurikiyemwo abize ivy’inyifato , kiremeshwa n’umwigisha muri kaminuza Léandre Simbananiye hamwe na pasitori Vital Mpebera. Hari kuri uyu wa 7 Munyonyo 2020

Abitavye ico kiganiro.

Kuva na kera, abarundi iyo bahuye n’ibibazo ngo baritura ba rumenyi, abandi nabo bakitura Kiranga. Aho hose ngo baba bashaka inyishu yavyo kandi rimwe narimwe barayoronka. Bimenyeshwa na Jean Marie Vianney Mpawenimana arongoye ishirahamwe Galapsy igihe yariko arugurura ikiganiro co guhanahana ivyiyunviro. Yabandanije avuga ko   abazungu bamaze kuza, hahavuye haza abakozi b’Imana hamwe n’abize ivy’inyifato. Abo bose ngo barafasha abafise ingorane zo mu mutwe.

“Abarundi bakunda kuvuga ko bagwaye abaganza. Iyo hagize uwunyitura rero, ngerageza kumenya igituma abo baganza bamuganza,” bivugwa Léandre Simbananiye, umwigisha wo muri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’inyifato (Psychologie).

Pasitori Mpebera Vital we avuga ko ababituye bafise ibibazo bijanye n’impwemu mbi z’amadayimoni, babasengera bagakira. Eka ngo hari n’igihe basanga uwubituye afise bibazo bidasaba gusengerwa. Aho naho ngo barabumviriza, maze bagataha ikibazo gitorewe inyishu.

Mbega abo bose batandukaniye kuki?

Umwigisha Léandre agira ati: « Ivyo nkoresha, ni ibintu bizwi bihurirwako n’abahinga bose. Ni navyo nigisha abanyeshsure banje. Ico duhuriyeko gusa ni uko twese turemesha abo bantu bafise ibibazo vyo mu mutwe.”

Mu bari bitavye ico kiganiro, barabajije ibibazo bitari bike. Hari abashaka kumenya ko intandara n’amadayimoni vyoba bisa, Kumenya ubuhinga abasenzi bakoresha kugira bamenye ko ababo bakize n’ibindi.

Muganga Sakubu Sylvère nawenyene asanzwe ari umuhinga mubijanye n’indwara zo mu mutwe we afise amakenga ku bakozi b’Imana, agira ati:  « Biratugora kumenya ko abiyita abakozi b’Imana bafasha ababituye gukira. Hari n’abasongera isibe ugasanga babazanye babakubaguye, mu kubakubita ngo amashetani abasohokemwo canke bakaza bababoshe. Ivyo aho gukiza umugwayi, ahubwo bituma n’amagara yiwe asinzikara ».

Pasitori Mpebera we avuga ko abakora ivyo bakora ivyo batazi. “Umukozi w’Imana yizera ntakoresha inguvu mu gusengera abarwaye. Yesu Yavuze ko ari ukubarambikako ibiganza ariko ntavyo kubasunagura canke kubakubita vyarimwo”. Abandanya amenyesha ko iyo haje umuntu aremvye, bihutira kumurungika kwa muganga. “Ubu dukorana neza n’abaganga ku buryo nabonyene iyo baronse abagwayi, bashobora kubahamagara ngo babasengere ”, niko Vital avuga.

Kubijanye n’intandara, Pasitori abandanya avuga ko babitandukanya mu gusenga. “Uwugwaye amadayimoni, umurambitse ko ibiganza, ayo mashetani yonyene atangura kuboroga, avuga ko ahiye. Ariko uwugwaye intandara, ivyo ntibiba.”

Ico abose bagenda bahurirako, ni ibijanye no kwizera.  Ngo iyo umuntu yizera amasengesho vyukuri, uwundi akizera umuganga, ngo ntakabuza ko n’umuti ushobora kunyaruka iyo uzananye n’aho yizera.

« Umupfumu arashobora kuguha akavuvu atari umuti. Ariko akaba azi ko ataco kakugira. Kubera wagiye wizeye ko agukiza ntakabuza ushobora gukira »Pasitori Mpebera ati niko n’amasengesho akora.

Abantu bokora iki mu gihe bashikiwe n’ibibazo?

Léandre Simbananiyeishura ico kibazo agira ati:  » Iyo ubonye umuntu afise ibimenyetso vy’indwara yo mu mutwe, icihutirwa ni ukumujana kwa muganga akabanza akamupima. Uwo ngo niwe aheza akakurangira  aho wobandaniriza ».

Ahandi ngo yokwegera umuhinga mu bijanye no kuvura ingwara zo mu mutwe kugira yige icabitumye. Aho niho ahejeje kwumviriza  umurwayi  yogira ati jewe ahongeza ni aha, ibi navyo genda hariya. Yaba amasengesho hamwe n’abavura ingwara zomu mutwe ngo vyose birashobora gukiza nakare abarundi barayamaze bati Imiti ikora ikoranye.

(Visited 103 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *