Hagiye gutegurwa ibipimo vya Reta vy’ikawa kandi vy’akorero

Coffee tree (Coffea arabica) with berries fruit

Ivyo bipimo bizoba biri ku mahegitari 67 mu ntara za Cankuzo, Mwaro na Ruyigi. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko ivyo bizokorwa mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w’ikawa.

Déo Guide Rurema ariko araremesha ikiganiro

 Vyose yabishikirije mu kiganairo yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri i Gitega. Akaba yariko arashikiriza ahageze ibikorwa vy’isizeni y’umwaka w’2020-2021.  

Déo Guide Rurema arashimira urwego ODECA ku ntambwe rugeze ko mu gushira mu ngiro intumbero ya reta yo kunagura   igisata c’ikawa. Nayo ikibazo c’abahoze bakorera Sogestal ngo leta iracitayeho mu ntumbero yo gutora umuti urama.

Ku bijanye n’umwimbu, umushikiranganji amenyeshako amatoni yababa ibihumbi 9 y’ikawa niyo yashowe hanze y’igihugu ku matoni ibihumbi 14 yitezwe mw’isizeni yo muri uyu mwaka 2020-2021, ni ukuvuga ibice 63 kw’100 gushika igenekerezo rya 3 Kigarama 2020.

Déo Guide Rurema asigura ko intambwe urwego ODECA rujejwe gutunganya ikawa rushitse ko ihagaze ku gukorera hamwe kw’abegwa bose gukurikirana igisata c’ikawa hamwe no kugarukana amafaranga y’agaciro.

(Visited 70 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *