Ibarabara rya Rumonge-Buyengero, umutwaro udasanzwe ku biyunguruza

Abiyunguruza mw’ ibarabara rya Rumonge-Buyengero ntiborohewe na gato. Biva kw’ibarabara ritameze neza, bigatuma n’abatwaza ama pikipiki baca bikika mu kiza mu kuduza ibiciro, ndetse no mu gutwara abantu barenze.

Kuva mu Rumonge gushika i Buyengero ku murwa mukuru w’i komine hari ibirometero birenga gato mirongo ibiri. Ibarabara rihuza izo komine ni rimwe rudende. Ukiva mu Rumonge ugeze ku birometero 3 gusa, utangura kubona ubudasa. Ibarabara ryari ryiza rihinduka ingorane. Ryarimburutse kubera amazi aca muriryo mu gihe c’imvura.

Ikibazo kubiyunguruza

Abakunda gufata iryo barabara ntibiborohera kwiyunguruza. Ubwambere nta modoka nyishi zunguruza abantu zihakorera. Abadandaza n’izindi ngenzi baca bikora ku ma pikipiki. Ni yo ahanini akora igikorwa co kwunguruza abantu. Kubera ukwononekara, usanga izo pikipiki zifise uduhora zicamwo zigenda zirakwepa ibinogo. Iciyongereyeko, nta pikipiki itwara munsi y’abantu 3. Abiyunguruza rero bavuga ko bagenda nabi cane bagashika iyo baja barushe.

Ikindi cibonekeza cane, ni igiciro c’ukwiyunguruza kiri hejuru. Noemi* akunda kwiyunguruza muri iryo barabara. Avuga ko iyo biyunguruje kw’ipikipiki ari 3, bashobora kuriha umwe umwe hagati y’ibihumbi 4 n’ibihumbi 5 vy’amafaranga y’amarundi. Ariko ko iyo yiyunguruje ari wenyene, ashobora kurihishwa hagagati y’ibihumbi 8 n’ibihumbi icumi.

Abunguruza abantu bo bavuga iki?

Abatwaza ayo mapikipiki barasigura igituma bazimba kw’itike. Basigura ko igituma batwara abantu benshi, canke bakarihisha amafaranga menshi ku wushaka kwiyunguruza, ngo ari ukugirango ntibahombe, bivanye n’uko ibarabara ari ribi cane, kandi urugendo atari ruto.       

Mw’ishirahamwe AMOTABU, bemeza ko abo bunguruza abantu ku ma pikipiki, amategeko abarekurira gutwara umuntu umwe gusa. Nimubona Alexis asanzwe arongoye iryo shirahamwe muri komine Rumonge, amenyesha ko mu nama baheruka kugirana na Buramatari w’Intara ya Rumonge Consolateur Nitunga ari kumwe n’uwurongoye igipolisi muri iyo ntara, bafashe ingingo yo kubanza kwigisha abatwaza amapikipiki, amategeko abagenga. Ivyo biheze ngo uwuzofatwa arenze ayo mategeko azohanwa bimwe vy’akarorero.

Abenegihugu bakoresha cane iryo barabara bakaba basaba ko iryo ryokorwa, gutyo abiyunguruza bakabona kworoherwa. Muri icogihe, n’iterambere ngo ryoheza rikiyongera,  kuko iryo barabara risanzwe rifasha cane mu guhanahana ibidandazwa hagati ya komine Rumonge, buyengero, Mugamba na Songa

(Visited 168 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *