Ici: Ivyibukiro vy’amagorwa ku banyamwema

Ici ni kimwe mu bihe vy’umwaka birangwa n’izuba ryinshi, Ariko kandi, nico gihe kirangurwamwo imirimo itari mike yo kwiteza imbere ku batari bake. Naho biri uko, hari umurwi ubangamirwa ngusumba: Ni abavukanye ubunyamwema. Baravye ubuzima babamwo, basaba abasanzwe bafasha ko bobaronsa ibikoresho bimwe bimwe bibasahiriza.

Mu karere kanini uburundi burimwo, ici ritangura mu kwezi kwa Mukakaro, Ikiringo c’amezi abiri, gitangura mu kwezi kwa Mukakaro gushika mu kwezi kwa cenda, ni co citwa “Ici”. Ico kiringo kirangwa ahanini n’uruzuba rwinshi. Nta mvura igwa, haba mu biyaya canke mu misozi ihagurutse.Abarundi benshi cane cane urwaruka rw’abanyeshure ruri mu buruhuko, baba baronse akaryo ko kurangura imigambi yobafasha mu kwiteza imbere.Aha twovuga nko gufyatura amatafari, gufasha mu kwubaka amazu, n’ibindi.

“Ayo tubona mu gihe c’ici”

Ni ku w’Imana, turi isaha umunani. Akazuba ni kenshi mu gisagara ca Bujumbura. Sinzi uko nkubise urugohe nza mbona umugenzi twaherukana kera antuyeko ikirenge. Ntawundi yari  Richard Niyonzima, aanzwe agendana ubunyamwema. Nguyo turaramukanije, turaganira, niko kumubaza igituma yambaye inkofero  imufuka mu maso. Aca atangura kunyiganira ayo ahabonera mu gihe c’ici.
“Ingorane zambere ngira mu gihe c’ici ni izuba. Iyo ngiye kuzuba, ntikingiye, riransinzikaza nkagira ibiturika ku mubiri. Hari n’aho bishika nkarwara ibiherehere, canke urukoba rugakomantara. Birashika umubiri ugahinduka nkamera nk’umuntu yacafuye cane.”

Si ivyo gusa, iyo umunyamwema amaze kubangamirwa n’izuba ngo ashobora no kuhakura urupfu. Richard abandanya agira ati: “Kubera izuba nyene, bituma  ivyo bikomere bica biteraterana bikavyara ibivyimba binini bihava bigaturika bimeze bwa bihute. Ivyo kandi biranashika bikadutera kanseri y’urukoba, ari naho hashobora no kwandurukiramwo urupfu.”

Richard Niyonzima asanzwe yiga muri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika. Izongorane zimushikira ntazisangije.
Amikoro make mu miryango nayo nyene ni ingorane ku bavukanye ubunyamwema.
Niyonzima yigana ko hari n’ibikorwa abavukanye ubunyamwema badakora  canke ngo babikore umwanya wose bashatse. Akarorero ni nk’abarimyi.Bategerezwa gukora amasaha make, izuba rigamburuye bagaca bataha, ivyo navyo bica bituma baguma inyuma mw’ iterambere

Izuba, umwansi nyamukuru ku munyamwema

Moïse Nkengurutse aserukira OPAb


Mu gihe c’ici, abavukanye ubunyamwema ntiborohewe na gatoya. Moïse Nkengurutse, arongoye ishirahamwe OPAB (Organisation des Personnes Albinos au Burundi) avuga ko izo ngorane bahura nazo ziba zifatiye ku rukoba rwabo rutarinda izuba.
Asigura ko iyo uwavukanye ubunyamwema ataryikingiye  ashobora gufatwa n’indwara zitandukanye cane cane zo ku rukoba. Muri zo, aravuga  iyijanye n’uduherehere. Utwo natwo, iyo tutavuwe hakiri kare, ngo twandurukiramwo kanseri yo ku rukoba nk’uko Moise nkengurutse abandanya abisigura.Mu gihe c’ici harangurwa udukorwa twishi, ku bavukanye ubunyamwema, ni ikibazo kuko bobo badashobora kwirirwa ku zuba.

Ibi vyoshobora gufasha umunyamwema mu gihe c’ici

Kwambara inkofero zipfuka impande zose ( Chapeau à bord large ), kwisiga amavuta yo ku rukoba yitwa Vaseline, Kwifuka umutaka, kwambara amarori y’izuba, ngo vyofasha nk’uko Moise Nkengurutse abivuga. Impuzu zipfuka hose nazo ngo zofasha kwikingira iryo zuba ku bavukanye ubunyamwema.

Intambanyi ni nyinshi

“Ibikoresho nkenerwa mu gihe c’ici ntibiboneka vyoroshe kuko abavukanye ubunyamwema usanga bari mu miryango ataco yishoboje. Mugabo uko bimeze kwose dutegerezwa kumenya ko izuba ariwe mwansi wambere w’abavukanye ubunyamwema.

Amavuta dukoresha kandi ashobora kuboneka ni vaseline pharmaceutique igurwa 8000 ku nusu y’ikiro ku  mezi atatu. Inkofero y’umugara (chapeau à bord large), amarori y’izuba agurwa 3000 n’imiburiburi n’impuzu zifuka umubiri wose. », bivugwa na Nkengurutse.

Bahaze amaso ubushikiranganji bwo gushigikirana

Moïse Nkengurutse arongoye ishirahamwe OPAB asaba kamo asaba ubushikiranganji bujejwe ivy’imibano n’agateka ka zina muntu ko bwovugira muri Leta, hakaba umugambi uboneka wo gushigikira abavukanye ubunyamwema nk’uko vyakozwe muri aka karere : Kenya, U Rwanda na Tanzaniya. Ku bwiwe, “gushigikira abantu batarenga 1500 ntivyoba ikintu kivuna kuri Leta mvyeyi yitayeho abayo.”

Gukingira abavukanye ubunyamwema ni urugamba rwa bose. Abashoboye gufasha bofasha kugira ngo na bo bashobore kwiyumva. Ni vyo ntawoheza ingorane, ariko zogabanuka.

(Visited 165 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *