Ikawa yumye yaserewe mu mihana izogurwa gute?

Igiciro  kizotangwa kw’ikawa y’igitamwaka yumye kandi itoye neza ni amafaranga y’amarundi igihumbi n’amajana abiri (1200Fbu / Kg). umudandaza canke koperative izogura iyo kawa izoyishorera mu rwego  ODECA, kandi ikazoyishikana mw’ikoborero rya ODECA ririku BUTERERE mu gisagara ca Bujumbura, canke mukindi kibanza bazobereka.

Déo Guide Rurema, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi igihe yariko arashikiriza aho igikorwa vy’isizeni ry’umwaka wa 2020 rigeze kuri uyu wa 14 myandagaro 2020, yamenyesheje ko abadandaza canke amakoperative bipfuza kuyirangura bazosaba uruhusha mu buyobozi bw’urwego ODECA kugira bayigure mu makomine bipfuza, maze iryo kete ryemezwe n’abajejwe intwaro muri komine.

Igiciro c’ikawa izoba ishikanwe mw’ikoborero ni amafaranga y’amarundi igihumbi n’amajana atatu na mirongo itanu (1350Fbu) harimwo na tagisi ya Komine. Itagisi imaze gukatwa, umudandaza azosigarana 1304F, komine itware 46F.

Deo Guide Rurema amenyesha ko ihemba rya mbere ryarangiye, ihemba rya kabiri naryo rikaba ririko rigenda neza mu ntara bamaze guhemba. Izo nazo ni nka: Muyinga , Ngozi, Kayanza, Kirundo, Bujumbura, Bubanza, Cibitoke.

Umwimbu wabonetse

Kubijanye n’umwimbu w’ikawa y’ibiturumbwe yegeranijwe, amenyesha ko habonetse amatoni ibihumbi mirongo irindwi na bitatu na mirongo ibiri  n’’ibiro ijana na mirongo icenda na kimwe n’uduce dutanu(73020,191.5)ku mwimbu ungana 136792 T wari witezwe. Ni ukuvuga ibice 53.

Ikawa imaze kugurwa

Ibikorwa vyo gukobora no kurondera abaguzi  ngo birabandanya. Umushikiranganji Rurema amenyesha ko  ikawa ingana n’amatoni ibihumbi bine n’amajana abiri na mirongo umunani n’icendan’ibiro amajana ane na mirongo umunani ngo nivyo bimaze kuronka abaguzi kugiciro kingana na 11.211.923,5 USD.

Umushikiranganji arangiza asaba abantu bose kugira urunani mu kwitabira ibikorwa bijanye no gukata no gusasira ibipimo vy’ikawa vyatangujwe kw’igenekerezo rya 30 Mukakaro 202 mu ntara ya Ngozi.

(Visited 64 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *