Inagurwa ry’igisata c’ikawa: Hariko hakorwa iki?

Umwaka urarangiye Reta ifashe ingingo yo gusubiza  mu minwe yayo igisata c’ikawa.  Ni inyuma yaho baboneye ko ico gisata kiguma gisubira inyuma mu gihe cari mu minwe y’abikorera utwabo.  None hariko hakorwa iki ngo ico gisata kinagurwe ? Inyishu zitangwa na Emmanuel Niyungeko arongoye  ikigo ODECA.

 Mu ntumbero yo kunagura igisata c’ikawa, ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bwarashinze ko umunsi wa kane w’ukwezi wahariwe gukingira ibidukikije wohabwa agaciro cane mu  gukora ibikorwa vyo gukorera ikawa. Ivyo ngo bizotuma  umwimbu n’akanovera vy’ikawa vyiyongera maze umurimyi abukure mu cibo.

Abafundi b’indimo bo ku mba, abagoronome bo mu makomine, bafadikanije n’abaserukira ikigo ODECA mu ntara hamwe n’abajejwe intwaro basabwa guha agaciro karuta ako bahora baha iyindi minsi kugirango bahagurutse ca giterwa c’ikawa camye kiririmbwa ko ari kirumara mu miryango. Amenyesha ko igikorwa co kurondera ikawa  y’akanovera itabonekera mu matonorero, ahubwo iva mu mirima. Arico gituma bagiye gushirainguvu nyinshi mw’igenzurwa ry’ibipimo vy’ikawa.

Vyamenyeshajwe na Emmanuel Niyungeko, umuyobozi w’ikigo ODECA muri komine Rutegama kuri uyu wambere igenekerezo rya 31 myandagaro 2020. aho hariko harangurwa ibikorwa vyo gusosera  ihemba rya kabiri.

Kugenzura akanovera k’ikawa yakirwa ku matonorero.

Abarimyi b’ikawa bamwe baridoga ko ikawa zabo zashizwe mu murwi wa kabiri  kandi bo babona ko zimeze neza. Ahandi naho bakavuga ko banse kuzakira. Bamwe baciye bashima kuzisyera muhira. “ Ingorane duhura ni uko iyo dushoye ikawa yacu, badutoza cane mbere bakagasubiza inyuma ngo tugatahane. Ikindi kandi umwavu nti tuwuronka vyoroshe, dusaba ko bokwama batwi”, bivugwa n’umutama Baragunzwa Aloys.

Uwo muyobozi asaba kandi abarongoye amatonorero kugenzura neza ikawa bakira. « Nti muce mufata ikawa mbi yoguzwe amafaranga 250  ku kilo ngo muyigure 550. Kuko niyo twamara kuyishora kw’isoko mpuzamakungu, yamafaranga  twayigura ntayo tuzoronka  na yamafaranga agaciro twipfuza ntazoboneka.

Ikawa y’ibitamwaka izogurwa gute ?

Ku bijanye n’ikawa z’ibitamwaka zaserewe muhira, Emmanuel Niyungeko arahumuriza abarimyi. Avuga ko ubushikiranganji bwamaze gutanga intumbero. Abadandaza bipfuza kurangura iyo kawa yumye, basabwa gusaba impusha mu rwego ODECA hanyuma bakazigura amafaranga 1200 ku kiro. Abo nabo bazoca bayishora mu rwego ODECA.  Asaba ko abanyagihugu gucunga kugirango iyo kawa ntishorwe hanze iciye mu kinywabi.

Naho ikiro c’ikawa yumye kigurwa amafaranga 1200, abarimyi basabwa kutijukira kuyisyera muhira kuko baba bahomvye.

« Ikiro c’ikawa yumye irya musyera mu hira, iva mu biro hafi bitandatu vy’ikawa y’ibiturumbwe. Murumva ko ibiro bitandatu vy’ikawa y’ibiturumbwe ku mafaranga 550 kukiro birenza amafaranga ibihumbi bitatu . Iyo rero usyereye muhira uba uhomvye kandi n’akanovera karagabanuka. », niko Niyungeko avuga .

Ahanura abarimyi b’ikawa ko okwitaho cane gukorera ikawa zabo kugira haboneke ikawa  nziza y’akanovera. Ngo ni naho igiciro kizokwiyongera, amafaranga akora mu kugura ifumbire, imiti yo gupompa, kuvuzanya ku barimyi, gukora ibindi bikorwa vyiterambere yose azoheza akaboneka.

(Visited 48 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *