Ineza yo kuriha amakori n’amatagisi ku bakora urudandazwa ndengambibe

Crédit Photo: CNCD

Kurabira hamwe amategeko agenga amakori n’amatagisi n’ishirwa mu ngiro ryayo, ibijanye n’inyandiko nyemezabuguzi (facture), ineza yo kurwanya urudandazwa rwo mu kinywabi hamwe n’ ibijanye n’amakori ya douane, ni bimwe mu vyayihwejwe mu kiganiro ishirahamwe OBR ryatunganije ku bakenyezi bakora urudandazwa ndengambibe. Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 30 gitugutu kuri La Détente i Bujumbura.

Gutanga amakori ngo ni kimwe mu bifasha kubungabunga iterambere ry’igihugu.  » Ubu ntawutazi ko amakori atozwa mu gihugu abavako akongera akabasubirako, biciye mu migambi myiza y’iterambere Reta iheza ikabatunganiriza ikoresheje amakori n’amatagisi muba mwayihaye. Twebwe mu kigo OBR tuvuga muba mwayibikije. » Vyamenyesheje na Stany Ngendakumana, umuvugizi w’ikigo OBR akaba anajejwe gutumatumanako amakuru mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ico kiganiro.

Bumwe mu burorero atanga mu bikorwa ayo mafaranga aheza agafasha, ni imigambi yo kubungabunga amagara y’abantu, indero y’urwaruka n’abageze mu zabukuru, gucungera amahoro n’umutekano w’ababa mu gihugu bose n’amatungo yabo, kwubaka inyubakwa rusangi nk’amabarabara, ibibuga vyo kwinonora imitsi, amashure, amavuriro, ingomero z’umuyagankuba n’iz’uburimyi, guhemba abakozi ba Reta bose bo mu bisata bitandukanye hamwe n’ibikoresho vyabo n’ibindi vyinshi.

Forode: agahombe kuri Reta no ku mudandaza ubwiwe.

Ngendakumana asaba abo bakora urudandazwa ndengambibe gushigikira ibikorwa vy’ikigo OBR, kwirinda urudandazwa rwa magendo uko ruri kwose, kuko ari akabi kabishe gatuma umwimbu w’igihugu usubira inyuma mbere n’umudandaza akahombera.

Amenyesha ko abenshi mu bakenyezi bakora urwo rudandazwa bagaca mu kinywabi, bahura n’ingorane zitandukanye harimwo gufatwa ku nguvu, kwamburwa ivyabo n’ibindi.

Uwaserukiye bamwe mu bakenyezi bakora urwo rudandazwa bahurikiye mw’ishirahamwe AFAB (Association des Femmes Entrepreneurs du Burundi) akaba n umuhanuzi mw’iryo shirahamwe, Fidelie Bivugire, aravyemeza. Asigura ko muri bamwe bakora urwo rudandazwa abenshi usanga batazi gusoma n’ukwandika, ntibumvirize n’amaradiyo ngo bamenye amategeko abagenga.

Ivyo bigatuma bahura n’ibibazo nko kugura ibitarekuwe n’amategeko, guhura n’abasuma bakabambura utwabo, guhura n’aporisi canke uwariwe wese yiyitirira abakozi b’ikigo OBR, kubera bazi ko abakenyezi batazi amategeko, bakabaka ibidandazwa vyabo nabo bakabibahereza bakaba barambuwe gutyo. Ikindi naco bashobora guhura n’abantu babahenda iyo babafashe bakababwira ko babanza kuryamana nabo kugira babibasubize.

Ikigo OBR kimenyesha ko kibandanya kiganira n’abo badandaza ndengambibe n’inzego z’igihugu, hamwe n’abatangakori mu ntumbero yo kugwiza umwimbu. Ico kigo kandi ngo  kizobandanya gushira inguvu mu kurwanya igiturire n’urudandazwa rwa magendo, gushiraho imigambi myiza ituma barushirizaho gukora neza kandi borohereza abatangakori n’ukuja inama n’ingingo nabo, kwegereza ibiro vya OBR abavyitura hirya no hino mu gihugu hamwe no kwigisha no guhimiriza abatangakori. « Tuzobandanya twegera kandi twumviriza mwebwe abatangakori, canecane mwebwe mukora urudandazwa ndengambibe, mu gushira mu ngiro imigambi nyamukuru ya Reta kugira nayo ibandanye ishira mu ngiro ibikorwa vy’iterambere bivuye mu makori n’amatagisi muzoba mwatanze ».

Uwogira ikibazo icarico cose, ikigo OBR caruguruye imihora itariha. Yoterefona ku numero 500 canke 71450450 akabaza akamubakiye.

(Visited 82 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *