Ireresi cop’s enemy yashizwe mu rurimi rw’ikirundi

« Ushobora kuba uzi ko ufise abagenzi, ariko hagera mu gihe c’ibibazo ukabura n’umwe agufasha ». Ubwo ni bwo butumwa buri muri iyo reresi. Yanditswe yongera ikinwa na  Jean Marie Ndayishimiye, azwi kw’izina rya John K-ay, hari mu mwaka wa 2019.

Iyo reresi yarakunzwe, haba mu Burundi canke hanze y’igihugu. Cop’s Enemy yakozwe ubwa mbere mu ndimi zibiri: Icongereza hamwe n’igiswahili. Ubu iyo reresi ikaba yasiguwe mu Kirundi. Umukinyi wayo John K-ay  amenyesha ko yipfuje ko n’abarundi batumva icongereza canke igiswahiri bumva ubutumwa buri muri yo.

Nta mahirwe yagize yo gufashwa n’igihugu

Irereresi Cop’s Enemy igisohoka, nyene kuyandika akanayikina  yarakiriwe na  Petero Nkurunziza, ico gihe yari umukuru w’igihugu. Muri uwo mubonano umwanditsi akaba n’umukinyi w’amareresi w’umurundi yarakejwe n’umukuru w’igihugu. Mu vvyo baganiriye bashimikiye ku kugene amareresi akinwa n’abarundi yotezwa imbere kandi n’abazikina bagashikirwa. Umuhisi nyenicubahiro akaba yari yamwemereye ko bigiye kwigwa kugira bije mu ngiro.

Umukinyi akaba n’umwanditsi w’amareresi John K-ay akizigira ko abarongoye igihugu na bo bazobandanya ico gikorwa, kugira ngo abakinyi b’ireresi batore agahengwe.

Jean Marie Hakizimana amaze gukina amareresi umunani ari mu rurimi rw’icongereza. Zibiri muri zo, zikaba zisiguwe mu rurimi rw’igiswahili.

(Visited 141 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *