Isaha zitaraza abarundi bo hambere bamenya ibihe vy’umunsi gute?

Abarundi bo hambere bari bafise ubumenyi bw’ibidukikije, muri ivyo harimwo ubuhinga bwo kumenya ibihe vy’umunsi batarinze gukoresha amasaha y’ubu. Ibihe vy’umurango vyafatirwa ku bikorwa vy’inka, ibigererezo vy’umunsi vyama birabirwa ku nka, ni nazo zari zimeze nk’uku kw’isaha. Eka ngo n’ibihe vy’ijoro bari bazi kubipima nk’uko tubikesha umuhinga akaba n’umwanditsi Jean Baptiste Ntahokaja  mu gitabu ciwe yanditse mu mwaka wa 1978 « Imigenzo y’Ikirundi »

Nkenguburundi,  umukenyezi amaze imyaka 72 wo ku musozi Rwankangoma muri komine Kayokwe twaganiriye avuga ko abana biwe baciga mu mashure y’intango ata ngorane yagira mu kumenya ko hageze ko abavyura ngo bitegure baje kwiga mbere ngo niyo hageze ko bataha gufungura ngo aravye ku zuba akaraba n’igitutu ciwe yaramenya ko hageze ko ashusha imfungurwa zaraye kugira abana basange bitunganye baheze basubire mw’isomero bafunguye kandi ata kwibaza ko bahava bacererwa.

Muti none babimenya gute ?

Umwanditsi Yohani Baptista Ntahokaja avuga ko hari igitondo, hakaba umutaga ari wo bise umurango mu kudeha umwami Mutaga, hakaba igihingamunsi harya izuba ryahindukiye hagomba kuba ku muhingamo, hakaba umugoroba w’ikirengazuba harya ririko rirebareba rishaka kunyika.

Umunsi watangura inyomvyi zihejeje kuvuga ugahera inka zitashe.Ibice vyarimwo vyari ibi : amugurura, amakama, amaturuka y’inka, amataha y’inyana z’ibidogeza, amataha y’inyana nkurunkuru, amashoka harya mu mamina ngohe, amaturuka y’inyana, umunsi ukaba uheze bakugarira hagatangura ijoro.

Ijoro ryarangwa n’iki ?

Ijoro ryatangura mu makama harya bahejeje kwugarira, hagakurikira amarya, hanyuma amaryama, hagasubira mu gatiro ry’akavaziko, amikangura ya mbere, igicugu bita mu runini, mu nkoko za mbere, mu nkoko za kabiri, mu mutwenzi wa kiyumpu utukura, hagakurikira umutwenzi rwero w’inka, wera, hanyuma umutwenzi w’imbwa canke w’abatwa wirabura bita agahuru bugasubira kwira, mu nyomvyi bugaca buca hakaba mu gitondo, umunsi ugatangura.

Uko bamenye ko ijoro n’umunsi bingana

Barageze igihe c’umunsi n’ic’ijoro basanga birangana. Baratsivye imirembe ibiri ingana, umwe bawudomeka mu gitondo uhera mu mataha y’inka, uwundi bawudometse buno nyene uhera inyomvyi zivuze, basanga umunsi n’ijoro birangana nk’uko tubandanya kubisoma muri ca Gitabu.

Nduwabike, umutama w’imyaka 69 twayaze nawe yemeza ko ibikorwa n’ubuhinga vyakujije Uburundi vyari mu mice myinshi akananshimangira ku kuntu se  yarafise inka nyinshi maze batayoberwa ko hageze guturutsa canke gucura ngo bakaba bisunga izuba baravye mu kirere aho rigeze bakamenya aho amasaha ageze. Ntahakana ko ibihe vyahindutse yihweje ukuntu ubu niyo umuntu yikanguye atamenya aho amasaha ageze ataravye kuri ngendanwa canke kw’isaha. Ku bwiwe rero ngo ntawosuzugura iryo terambere ryazanywe n’abazungu ngo ariko nta nuwokwibagira ko abarundi baho hambere bari bafise ubumenyi bukomeye cane bwabatuma badahodoka ku mico n’imigenzo ndundi.

Ayo masaha y’ubu ataraza  ngo nta murundi  yacererwa mu dukorwa twiwe canke ngo adukorere aho atateguye kuko ngo bari bazi kugendereza ibihe n’ibiringo vy’umunsi n’ijoro.

(Visited 374 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *