Iyarara ryabaye inkomoko y’iterambere muri Sagamba Green Burundi

Mu gihe imicafu canke iyarara riva mu ngo abatari bake bayibonamwo intambamyi ku magara y’abantu, hari abandi bo bayibonamwo kazoza.  Janvier CISHAHAYO, ni umuyabaga yatanguje umugambi wo guhingura umwavu wo gutabira isi awukuye muri iryo yarara abicishije mw’ishirahamwe Sagamba Green Burundi.  Ico gikorwa catumye ashimirwa atahukana agashimwe muri rya higanwa Light Award. Yariganiye La Nova ingene umugambi wiwe umeze

Janvier Cishahayo igihe yariko arasigura umugambi wiwe mw’ihiganwa Light Award. Photo: Yaga

Ni igiki catunye yiyumvira gutangura  uwo mugambi?

« Inyuma y’uguheza amashure twarondeye igikorwa twokora ngo twiteze imbere, duteze imbere aho tubaye eka duterere no mwiterambere ry’igihugu mu kuronsa akazi urundi rwaruka, duca duhitamwo gukora uwo mugambi. Maze kubona ko akazi ka Leta katakiboneka, naciye mpitamwo gutanguza ishirahamwe Sagamba Green Burundi rikorera mu gisagara ca Bujumbura. Umugambi turiko turakora muri iryo shirahamwe ujanye n’uguhingura ifumbire, mu myanda ibora isanzwe yegeranywa mu ngo aha i Bujumbura.” Ukwo niko Cishahayo avuga.

Uwo mugambi bamaze kuwugerageza bakabona ko utanze umwimbu ushimishije bahavuye bawutangura. Yagize ati: “Twabitanguye mu kwezi kw’umunani mu mwaka w’ 2018. Twifashishije ibipimo mu ndimo twakoze, twasanze ifumbire SAGAMBA yongera umwimbu kubice birenga mirongo itatu kw’ijana  30% ugereranije niyo fumbire ikunzwe gukoreshwa. Icongewe ko, ifumbire yacu irazimbutse. Ikiro c’ifumbire Sagamba   kigugwa  amafaranga amajana umunani (800fbu) mu gihe ifumbire isanzwe ikoreshwa cane ariyo DAP ikiro kigeze ku gihumbi n’amajana atatu  arenga (1360fbu).

Ni kuki abarundi bokwitaho uyo mugambi?

Yatwishuye  ati: “ Uyu mugambi ufitiye akamaro abantu n’igihugu.  Musanzwe muzi ko  mu gisagara ca Bujumbura hasanzwe hari ikibazo kijanye no gutororokanya imyanda. Myinshi muri yo ikaba gushika ubu ari inkwezi y’ingwara zitandukanye ku benegihugu eka igatera ibibazo kubidukikije. Uwu mugambi ni inyishu mugutororokanya iyo myanda, kuko iyibora ndayihinguramwo ifumbire SAGAMBA ifasha kugwiza umwimbu narirya isi yacu iriko iratituka kandi abarundi barenga ibice 80 bakaba batunzwe n’uburimyi.”

Naho biri ukwo, intambamyi zo ntizibuze. Uwo muyabaga avuga ko mw’ishirahamwe ryabo bagifise intambamyi ijanye n’uburyo bukiri buke bokoresha  kugira umugambi wabo uranguke neza.

Cishahayo kandi arafise aco ahanura urundi rwaruka. “Akamo ntera urwaruka rwicaye ni uko rwokura amaboko mu mpuzu  rugakoresha ivyo bize cane ,bisaba umwete gusa”.

Yaratubwiye n’ico agashimwe yaronse kagiye kubafasha . “Aka gashimwe kagiye kunsahiriza mu bikorwa vyo mw’iyongerwa ry’ibikoresho duhinguza ifumbire, bikazodutuma tugwiza umwimbu. Sinovuga yuko gakwiye mugabo uko kangana kose turagashima vy’imvamutima, kazodusahiriza mubitari bike”.

Yarangije atera akamo uwo wese afise ico aterera kubafata mu mugongo.  “Amashirahamwe ya hano iwacu na mpuzamakungu ndayasaba kudufata mu mugongo haba mu mpanuro, mu bumenyi eka no muburyo kuko ishirahamwe Sagamba Green Burundi riracakura.  Ubufasha ubw’aribwo bwose burahawe ikaze. Reta tuyisaba ibandanye itworohereza nk’uko yabitanguye mu gushinga amategeko yorohereza abanyamigambi« .

(Visited 180 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *