KARUSI : Umuyobozi w’ishure yerekanye ubuhinga butangaje afise bwo kubumba ibishushanyo.

Septime yashushanije incungu z'Uburundi

Gahungu Septime aba kandi akorera ku murwa mukuru wa Komine Bugenyuzi intara ya Karusi, ni umuhinga mu kubumba ibishushanyo vy’abantu canke ivyibutso   maze ukamengo ni umuntu yibereye ngaho. La Nova yaramugendeye maze yigana ingene yatanguye naho yipfuza gushika.

“Natanguye gucapisha  amarangi amasanamu, ico bita portrait kuva mu mwaka wa 2003”. Asigura ko mu nyuma yahavuye yiga kubumba ibishushanyo vy’abantu akoresheje isima, ati « maze nsanga mfise impano ntarinzi ». Ico gihe ngo yaciye abandanya anonosora kugira ngo iyo ngabire itere imbere gusumba.
Arashima urugero agezeko akemeza ko yokora ibikorwa bikomakomeye kuko ashobora gutora isura y’umuntu neza.

Abenshi ntibaramenya ivyo Akora


“Maze imyaka ibiri menye kubumba ibishushanyo vy’abantu ariko abaguzi banyitura si benshi . Bamwe ntibaribonera ivyo nkora abandi bagatinya igiciro. Ariko bake beza baramaze kungurira iitari bike naho bitari vyinshi. Ndashima intambwe ngezeko”
. Uwo ni Gahungu abandanya atuyagira.

Kubwa Gahungu Septime, kugira ngo ibikorwa mvabwege akora bimuteze imbere uko ashaka, ubushikiranganji bubijejwe canke abandi babishoboye botunganya amahinganwa kuko Cotuma abashoboye baboneka. Gahungu ati : « Nko kubumba ivyibutso canke abakuru bariho canke batakiriho hamwe hatunganijwe amahiganwa nokwerekana ico nshoboye kuruta. Ndizeyeko hoboneka ubudasa ugereranije n’ivyo tumenyereye kubona ».
Umuntu arapfa umukeno yari azi ibitari bike cane cane iyo ataronse uwumufata ukuboko go aje ahabona

Bimwe mu vyo Septime Gahungu yashushanije

Septime Gahungu yishushanije
Umufasha wa GAhungu



Akagohe avunira urwaruka

Uwo Muhinga ahanura urwaruka kwamana umwete muri vyose bagakunda imyuga, bikabananira banagerageje kandi bakagira umutima w’ubushakashatsi . Mu gihugu c’uburundi haracari ho ahantu henshi  hakenewe kubakwa ivyibutso binini binini bishasha kandi bikozwe neza. Kubwa Septime Gahungu, ivyo ngo yabibonye amaze kwiyumvira akananonosora umwuga wiwe.
Akavuga ko igikorwa kikihari ku bahinyanyuzi.

Mbega Gahungu Septime ni nde?

Gahungu Septime ni umuyobozi w’ishure nshingiro rya Mugoboka yo muri komine Bugenyuzi. Naho tumenyereye abacafyi baba barize ivyo gucapa muriyamashure yabigenewe nka ETSA , wewe avuga ko atanayihonyoyemwo kuko yize ivyo kwigisha maze ateza imbere impano afise zo gushushanya. Uyo muyobozi arubatse akaba afise abana babiri.

(Visited 1 584 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *