Kuki dukwiye kwitaho igiterwa c’ikawa?

Igiterwa c’ikawa gifitiye akamaro kanini igihugu. Nico giterwa cambere cinjiza amafaranga y’agaciro ku bice birenga mirongo umunani kw’ijana (80%). Kuri uyu wa 18 kigarama 2020, niho ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bwatanguza icese ibikorwa vy’ipompa, ifumbira no gutera imivyaro y’ikawa umwaka w’2020 ushira 2021 mu gihugu cose. Ivyo bikorwa vyabereye ku mutumba wa Mubaragaza, komine Mutumba, intara ya i Karusi.
Igiterwa c’ikawa ngo cashitse mu Burundi mu mwaka w’1920. Ngo ni co conyene cinjiza amahera y ‘agaciro angana n’ibice 80 kw’ijana nk’uko bimenyeshwa na Emmanuel Ndorimana, umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije ariwe yari yaserukiye ubwo bushikiranganji. Ndorimana amenyesha ko ayo mahera y’agaciro ari nayo atuma Reta ibikorwa vy’iterambere biheza bikagaruka kugirira akamaro abanyagihugu nko kwubaka amabarabara, amavuriro, amashure n’ibindi.
Kubera iki iryo sekeza ?
Emmanuel Ndorimana yabanje gusigura akamaro ivyo bikorwa bimaze. Gupompa ikawa ngo bituma umurimyi akingira ikawa udukoko tuyibangamira cane cane igifushi. Gufumbira ngo bituma ikawa ivyibuha, igatotahara, hanyuma igatanga n’umwimbu mwiza. Gutera imivyaro navyo bituma hasubirizwa ibiti vy’ikawa zishaje,hanyuma hakaboneka n’izindi nshasha gutyo bigatuma umwimbu wiyongera.
Ndorimana amenyesha ko iryo sekeza ryatu nganijwe mu ntumbero yo
- Guhimiriza abarimyi b’ikawa bose kugira bamenye akamaro k’ipompa n’ifumbira ry’ibipimo vy’ikawa;
- Gutanguza icese ibikorwa mu gihugu cose bijanye n’ipompa, ifumbira hamwe n’iteragira ry’imivyaro y’ikawa;
- Guhimiriza abajejwe intwaro n’ubuhinga kugira bakurikirane ibipimo vy’ikawa n’abarimyi, gurtyo abarimyi bibahe ingoga yokurushirizaho gukorera neza ibipimo vyabo;
- Kwibutsa abantu bose bakorera muri ico gisata c’ikawa ko bategerezwa gufasha kugira umwimbu wiyongere mu gihugu kuneza y’abarimyi b’ikawa n’igihugu.
Hasabwa iki kugira igisata c’ikawa gitere imbere ?
Mu ntumbero yo kurwiza umwimbu w’ikawa, Reta yaragize utwigoro tutari duke. Muritwo ngo harimwo kuronsa abarimyi b’ikawa ifumbire ku giciro kitavuna, ikaba ibarihira ibice 80 kw’ijana nabo bakariha 20 kw’ijana bisigaye, kubaronsa umuti n’ibikoresho vyo gupompa n’ibindi nk’uko Ndorimana abivuga. Naho biri uko, hari ibisabwa kugira ivyo bikorwa biranguke neza.
Emmanuel Nsabimana asaba abarimyi kwitaho cane ico giterwa narirya kibafasha cane kwiteza imbere. Abasaba kudakoresha nabi ifumbire n’imiti bahabwa ngo bayikoreshe ivyo itagenewe nkuko ngo hari bamwe baca bayigurisha. Akaba yarabagabishije uwohirahira ngo abikore. « umuntu wese yoba yarishe ifumbire y’umurengera yibaza ko azoyikoresha ikindi gikorwa, yarihenze. Uwuzofatwa ariko arayigurisha azohanwa n’amategeko. »
Abafundi b’indimo hamwe n’abatware nabo nyene basabwa kwitaho gukurikirana abarimyi, na cane cane mw’ikoreshwa neza ry’ivyo bikoresho. Yagiriyeko agabisha abafundi bikika mu kiza. « Umufundi w’indimo azofatwa ariko arafasha kugurisha ifumbire azoca yirukanwa mukazi . »
Kugirango kandi ico gisata gitere imbere gusumba, Emmanuel Ndorimana asaba abakorera mu gisata c’ikawa bose kwunga urunani, bakurikirane ivyo bikorwa kugira biranguke neza.