Kwigana imico y’abanyamahanga vyoba vyonona iki?

Kwambara impuzu zitabereye canke ntibikwize , ni bimwe vyibonekeza ku bigeme n’imisore bo mu bisagara, bitari bike, eka mbere na hamwe hamwe mu duce turiko turatera imbere mu Burundi. Bamwe bavyita amajambere ariko hakaba n’abandi babona ko ari ugutitura imico n’akaranga k’abarundi kubwabo mbere babona ko bikwiye guhagarara .

Igenekerezo rya 18 myandagaro 2016, Inama nkenguzamateka yaratoye itegeko rijanye n’ihohoterwa rifatiye ku gitsina, ribuza kwambara impuzu zitabereye. Ariko iyo ngeso ngo ntiyagabanutse nk’uko bamwe babivuga. Iyo uriko uratembera mu bisagara ndetse no mu bice bimwe bimwe vyo hagati mu gihugu, urabona abigeme bambaye uduhuzu tugera haruguru y’amavi, abandi bakambara impuzu zerekana ibihimba vy’umubiri  nk’amabere agira hejuru, imisore yasokoje imishatsi imeze nk’ubusage canke ubuyonga kurya kw’abigeme, abandi nabo ugasanga ipataro bayambariye ku gisusu, hamwe usanga umengo atambutse yokoroka.,n’ibindi vyinshi.

Ivyiyumviro vya bamwe n’abandi

Sindayigaya Thérèse (*) , umutamakazi w’imyaka mirongo irindwi wo muri komine n’intara ya Rumonge, avuga ko abakobwa canke abahungu ba kino gihe bafise ingeso yo kwiyambika impuzu zitabakwiye ngo ataho bitaniye no guta indero kavukire. Akavuga ko agereranije n’aho hambere hahise, ngo abakobwa barambara bakikwiza, ariko ubu, abona ko hariho n’abavyeyi baja kugurira abana babo impuzu z’impenereza. Yongera ati: « Aho niho hava intandaro y’ubuhumbu, ubushurashuzi n’ibindi ».  Niyakire Alice (*), umwigeme w’imyaka  25 akaba aba mu gisagara ca Bujumbura we avuga Ati:  » Kwambara uduhuzu tugufi bivana n’umuntu inyambaro ashima. Hari abakunda kwambara uduhuzu tugufi, n’abandi bakunda izigera ku rurenge bivanye n’ivyo yakuriyemwo, ishengero asengamwo n’ibindi. Vyongeye abakobwa dukunda kujana n’ibihe, tukagura agahuzu kagezweho. Jeanine(*) umwigeme w’imyaka 20 wo muri Komine Buyengero ati « Mbe nokwambara izigera ku mavi nkataha he! Papa yonyica, vyongeye n’abandi tugendana bontwenga ».

Ingaruka mbi zo ntizibuze

Nk’uko bamwe mubo twayaze babivuga ngo bene izo nyifato zirashobora gutirimutsa abo badasangiye igitsina bigatuma baja mu ngeso mbi z’ubushurashuzi. Yohani Claude , umusore w’imyaka 23, aba muri komine n’intara ya Rumonge aravyemeza. Agira ati:  » Iyo mbonye umukobwa yambaye akahuzu kagera hejuru y’amavi , birantirimutsa cane kuburyo nca niyumvira ukuntu nomushikira ,kugirantuyage ivy’urukundo ».

Kwambara uduhuzu tugufi , imico y’abanyamahanga

Nk’uko umushakashatsi w’ikirundi Patrice ntafatiro abivuga, ngo iyo ni imico y’abazungu. Mbere kuri we ngo ntatahura igituma abarundi twigana imico y’abanyamahanga, kandi nabo badashobora kwigana imico y’iwacu. Akabonako bene izo nyifato atakindi zigamije atari ugutitura imico n’akaranga k’abarundi.

Ntafatiro rero, agirako ahanura abavyeyi kubera akarorero keza abana babo mu kubigisha indero rupfasoni ijanye n’ukubungabunga imico n’akaranga k’igihugu cacu. erega ba sokuru barayamaze ngo « uta akaranga ukaba utaye akabanga ».

(*) Yahinduwe izina.

(Visited 134 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *