Mabanda : Cyprien Nsabimana yiyemeje gukora ibitandukanye n’abandi

Nsabimana Cyprien ni umusore aba ku murwa mukuru wa komine Mabanda mu ntara ya Makamba. Twamusanze aho arangurira imigambi yiwe yo kwiteza imbere mu gukora amasabuni afadikanije n’ abagenzi bari kumwe mw’ishirahamwe Terimbere yatanguje wenyene ahejeje amashure.

Amasabuni akorwa na Cyprien Nsabimana, si co kimwe n’ayo tumenyereye kuko uyaravye neza akoranye ubuhinga yisangije. Nsabimana avuga ko akora amasabune yo kwoga be n’ayo kumesa ariko akayaha amabara atandukanye bivanye n’ivyo ayakoramwo.

« Jewe nkora amasabune yo kwoga n’ayo kumesa ariko atandukanye n’arya abandi bakora. Nk’isabune yo kumesa, ndayikora kuburyo uwuyikoresheje adakenera gukoresha OMO, muri make isabune y’iwanje iba irimwo na OMO. Hari n’iyindi nkora ishobora gukora vyose kumesa no kwoga (Multi usage) ».

Mbega ubwo bumenyi yabukuye hehe?

Cypriano yatwiganiye ko vyinshi mu vyo akora atamuntu abimwigisha ariko we nyene avyiyigisha akoresheje ubuhinga bw’ingurukanabumenyi. Akabirya k’ayo masabune, ni uko akoreshejwe ibintu biva mu biterwa kama kandi bifise akamaro kanini ku magara y’abantu. Aha atanga akarorero k’igiterwa ca Moringa gisanzwe kizwi ko gikoreshwa cane mu buvuzi, hamwe n’ikindi c’umwerayo naco nyene atabantu benshi bakizi. Avuga kandi ko ivyo akora atangarukambi bizana ku magara y’abantu kuko ahanini bikorwa mu biterwa kama.  

Kubibaza ko ivyo akora vyoba vyemewe n’amategeko abishura agira ati: “Abategetsi batari bake bo mu nzego zijejwe kugenzura ibintu bama baje kungendera buri mwaka kandi bagasanga ivyo akora ari bizima. Ubu naho ndiko ndarondera   urupapuro ruvyemeza mukigo kibijejwe arico BBN”.

Ni akahe kabirya yisangije ?

Cyprien avuga ko adashobora gukora amasabuni nk’aya SAVONOR  kuko bogwanira isoko. Ico nico gituma akora ikintu ciwe yisangije kandi gifise akanovera  kuburyo atakiburira isoko. Amasabuni ya Terimbere arakundwa cane n’abamaze kuyamenya kuko iyo akozwe atamara nakanya. Avuga ko bagifise uburyo buke bwo gukora menshi icarimwe

Iyindi migambi yipfuza  kurangura vuba.

Uyu musore kandi afise impano nyinshi zidasanzwe kuko ivyo ashoboye gukora atari amasabune gusa. « Naramaze kugerageza gukora umuti w’ibirato(Cirage) kandi narawukoze neza  baranawupima babona ni original. Ikikingoye gusa ni ukuronka ibitekezo vyawo arivyo  (emballages).  Hambavu vyiyo, ndafise umukora  amavuta  yo kwisiga kuko nayo nyene  ndashoboye kuyakora. Ubu ndiko ndarwiza imivyaro y’igiterwa  azokorwamwo mbere nagihaye n’abenegihugu abe aribo bakirwiza kugirango tuzohore tubagurira umwimbu nabo biyungunganye ».

Ariko  ivyo vyose ngo ntiyovyishoboza ataronse abamufata mu mugongo ariho   ahava agasaba ko ababishoboye bobaterera maze bakagira uruganda rukomeye maze bagaheza bagashobora gukwiza ibidandazwa mu gihugu cose.

(Visited 113 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *