Makamba: Abakenyezi n’urwaruka biyemeje kugira urunani rw’amahoro


Kuri uyu wagatatu igenekerezo rya 25 Ruheshi 2019, igitabu “Abakanyezi b’imboneza bibagiwe” ca Christine Ntahe carabandanije cerekanwa. Mu ntara ya Makamba abakenyezi n’urwaruka bakaba baranyuzwe n’intahe z’abakenyezi bagize uruhara mu gutsimbataza amahoro mu kibano c’abo, cane cane mu bihe Uburundi buhitiyemwo.

 Muri ivyo bikorwa, Christine Ntahe yaragarutse ku butwari bwaranze abakenyezi cane b’abirimizi. Afatiye ku burorero buboneka yanegeranirije muri ico gitabo, avuga ko abo bakenyezi babaye koko imboneza. Mu gihe bamwe bamwe bari bacanyemwo bitwaje ubwoko, bobo babigwije n’ubusa. Kukaba nkako: « umugore nta bwoko agira », nk’uko vyashikirijwe na Christine Ntahe. Kubwiwe, ubwoko bw’umukenyezi ni « amahoro »

Bamwe mubashinze intahe

Ndayisenga Mariam, umukeyezi aturuka muri zone Kinama yo mu gisagara ca Bujumbura, yasiguye impamvu atawogomba kugirira nabi ikiremwa muntu. Agira ati: « Uravye mu jishorya Mugenzawe, wibonamwo. Twirinde kwimena ijisho rero. »
 

Ndayisenga Mariam ariko arashinga intahe

Regina NIJIMBERE, umukenyezi ava muri Komine Ruhororo intara ya Ngozi nawe asigura ko yahuje abahungiye muri « Site z’impunzi» hamwe n’abasigaye i muhira. Akavuga ko kugira abishikeko yategura udukino hamwe n’amahiganwa atandukanye.
Agira ati :  «  Igitadukanya abantu ntikiba kinini. Eka n’ikibahuza ntikiba kinini »

Nijimbere Regine ariko arashinga intahe



Inyigisho zari ngirakamaro

Abenegihugu bo mu ntaraya Makamba baba abakenyezi, abashingantahe mbere n’urwaruka, bamenyesheje ko bahigiye ibitari bike na cane cane « urukundo ». Bakamenyesha ko bagiye kurwigisha bahereye mu miryango no mu kibano.
Ku bwabo ngo ivyo bishingantahe bije hageze kuko bizotuma bose babonanamwo urukundo, birinde ibibahuvya n’ibibatandukanya.

Abashoboye kugira ico bashikirije bakaba bahawe ubushimwe bugizwe n’ibitenge, imipira yo kwambara hamwe n’ibikoresho vy’ishure. Kubwa Christine Ntahe ngo gutanga ubushimwe ni ugukangurira abaja mu makoraniro, mu manama kwama na ntaryo bashikiriza ivyiyumviro vyabo. Barabifise kandi vyiza vyubaka.

Bafatanye amaboko bakaba bagize bati: « Twiyemeje kugira urunani rw’amahoro aho tuzoba turihose »

Bose bafatanye amaboko


Inyuma y’intaraya Makamba, intahe zikazobandanya zishingwa mu Ntaraya Rutana

(Visited 145 times, 1 visits today)

1 thought on “Makamba: Abakenyezi n’urwaruka biyemeje kugira urunani rw’amahoro

  1. Ndashimye cane ubutwari nkubwira bw’Umupfasoni Christine Ntahe we yashimye kwandika ICO gitabo.Aho igitsina gore umengo abenshi womengo kiza inyuma mu bijanye n’ukwitangira Igihugu,WE yerekanye ko abagore bashoboye kandi ari intwari.Turamukeje cane.

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *