Makamba: Ivyabaye muri komine Vugizo mu 1972 ngo ni agahomerabunwa.

Mu mwaka w’1972 harabaye ubwicanyu bw’agahomerabu nwa bwahitanye abarundi batari bake. Komine Vugizo yo mu ntara ya Makamba, ni imwe mu makomine yakozwe ko cane n’ubwo bwicanyi.Umurwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi waratangujeyo ibikorwa vyo kuzura ibisigarira vy’abishwe mu 1972. Abacitse kw’icumu baradushingiye intahe z’ingene vyagenze.

Uko vyatanguye.

 Girukwigomba Ismaël, avuga ko yari afise imyaka 26 ico gihe haba ubwicanyi mu 1972. Avuga ko yari akuze kandi vyinshi yabibonye. “Vyose vyahereye i Nyaza-Lac. Hari habereye inama maze musitanteri mushasha wa komine Vugizo yitwa Frederiko arayitaba. Inama iheze, agomba yurire imodokari, umushoferi wiwe aca aramugonga, arapfa. Uwo musitanteri yari yasubiriye uwitwa NYAWAKIRA Antoine, yava muri komine Songa intara ya Bururi. Niho rero twatangura kumva mu maradiyo ko hari udukoko twateye duhereye I Nyanza lac. Ariko nti twari udukoko, ahubwo bari abarwanyi bitwa “Mulele”.

Iyo nzu ishaje y’iburyo niyo yari sentare y’intango. Niyo yiciwemwo abantu isinzi.

Nzeyimana Josaphat ngo yari afise imyaka 12. Nawe yigana ivyo yabonye. “Ico gihe abatutsi bariko barahunga bavuga ko ba mulele bateye. Ariko mu nyuma barabona ko atarivyo barahunguka. Niho Musitanteri yahamagaza abantu bose ngo baze kwitaba ikoraniro ngo amahoro yabonetse.  Bashitse ku musozi Gikuzi ariho hari komine, batangura kubarobanura. Abahutu binjizwa mu nzu yakoreramwo Sentare y’intango. Baciye babarasa bose”.

Abo bicwa ngo bahorwa ko ari abamenja, ko bambaye ivyatsi ngo ni ba Murere canke bakabagiriza ko bahaye indaro ba Murere.

Sinabajije Bonaventure, yari mu bitavye ikoraniro. Ariko Imana iramurokora. « Ivyabaye kuri uwo wambere ruhonyanganda, ni agahomerabunwa. Aha haguye abantu batagira igitigiri.Bari bafise intonde bagahamagara ku mitumba ku mitumba. Jewe icankijije ni uko bahamagaye bavuga ko ababa ku mitumba yo hafi aribo basigara. Nitwe twaciye dukoreshwa mu guhamba abapfuye», niko bonaventure  yatwiganiye.

Bonavenure Sinabajije(yambaye inkofero), umwe mu bari bitavye ikoraniro hama ararokoka.

Uwo mutama Bonaventure avuga ko ivyabaye ngo bikwiye kubera icirwa urwaruka. Ngo ntiruze rurwe muri uwo mutego ahubwo urbane neza mu rukundo.

Ico gihe iryo bara rigwa ngo hari ku munsi wambere igenekerezo rya 29 Ndamukiza 1972. , musitanteri Nyawakira, arikumwe n’abandi bategetsi bo mu gisirikare, ngo  ni nawe yatanga itegeko ry’abicwa. Uwo avuze ati nimumureke baramureka.

“Dawe baramwishe. Sinigeze nemera ko yapfuye, gushika ubu nkuze. Twama twizeye ko azogaruka. Ico gihe nari nkuze. Abo ba murere bavugwa ntabo nabonye”, bivugwa na Nzeyimana.

Abantu benshi twaganiriye, ntanumwe yemeza ko yabonye mulele, ngo babumva bavugwa gusa. Pierre Claver Ndayicariye yemeza ko mu murwi CVR bamaze kuronka abantu bakoreshejwe bitwa ba Mulele. Ubu ngo ni abanyagihugu nk’abandi.

Abacitse kw’icumu bemeza ko bahejeje kwica umuntu wese baca bagenda bakamunyaga utwiwe twose.  Uwo musitanteri  avugwa aracari ho. Eka  na Buramatari yatwara intara ya Bururi ico gihe ngo aracariho. Pierre Claver Ndayicariye, asigura ko umurwi CVR uzobegera kugira ngo babazwe, basigure ivyo bazi, n’ivyo babonye babonye.

Ico basaba.

 Abo banyevugizo bacitse kw’icumu barashima igikorwa c’umurwi CVR. Bamenyesha ko bizobafasha kwumva baremurutse ku mutima kuko ababo batawe babahambanywe iteka. Ariko basaba ko  Reta yobafasha ikabarabira agashumbusho maze kakabafasha kuva ku rupfu rw’abo babuze.  Basaba kandi ko ababikoze bakiriho boseruka, ari abasaba ikigongwe bakagisaba ikiri ku mutima kikururuka. Eka ntibibagira ko bishobotse bocirwa imanza. Ikindi basaba ngo ni uko aho hantu hiciwe abantu hokubakwa icibutso maze bakama baza kubibuka.

Ndayicariye Pierre Claver arongoye umurwi CVR amenyesha ko amakuru uyo murwi ufise, ari uko abishwe benshi bari mu bwoko bw’abahutu. Avuga ariko ko hari n’abagore b’abahutukazi n’abatutsikazi bishwe babanje gufatwa kunguvu.

Abarundi barutse vuba barakwiye kumenya ako kahise. Barakwiye kwiga ako kahise banyegejwe n’abavyeyi babo ngokuko ariho Uburundi buzokira. “Ukuri Uburundi bunyotewe niko kuzodukura mu mwijima w’urwanko vyahekuye imiryango y’abahutu, abatutsi n’abatwa.  Umurwi CVR Uripfuza kwigisha ko umwana w’umwicanyi atitwa umwicanyi. Ukuri abarundi banyotewe, sikurya kwanditse mu bitabu vyo mumyaka iheze. Ni ukuri kunywanisha abarundi, ukuri abarundi benshi bahurirako. Uburundi buzokira umunsi mu mitma no mu miryango yacu twirukanye ububeshi, agatima k’indyarya no kugaya abandi”.

Kugeza kuri uyu wa 15 nyakanga 2020, ariho umurwi CVR watanguza igikorwa co kuzura ibisigarira vy’abishwa muri komine Vugizo,  ibinogo umunani harimwo kimwe bivugwa ko cimbwe mu 1997, vyatawemwo abo bishwe, ni vyo vyari bimaze gutorwa n’umurwi CVR.

(Visited 189 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *