Makamba-Kibago : Umunyeshure yiyahuye asiga yandikiye abavyeyi

Uwo mwigeme yiyahuye  azwi kw’ izina rya Alice Niyongendako akaba yari afise imyaka cumi n’ umunani. Yiyahuye akoresheje umugozi, kuri uwu wa Kabiri ku mutumba Nyarugutu, zone Kiyange muri komine Kibago intara Ya Makamba. Iryo bara ngo rikaba ryabaye hagati y’ isaha zitanu n’ isaha cumi z’ umuhingamo, iwabo nyene. Zénon Nishimwe Musitanteri w’ iyo komine, yemeza ko uwo mwigeme yahora yiga mu mwaka wa mbere w’ inderabigisha kw’ ishure ryisumbuye rya komine rya Kigara . Ngo nta ngorane yari afitaniye n’ abavyeyi. Eka  no kw’ ishure yaronka amanota meza. Zénon Nishimwe Musitanteri wa Komine Kibago amenyesha kandi ko icatumye  uwo mwigeme yiyahura kitaramenyekana. Uwo mwigeme yasize yandikiye abavyeyi agakete . Ng’ aya amajambo ari muri ako gakete  » Bavyeyi, amafaranga mwari mumaze kuntangira murayatora mur’ iyo mpene no mur’ iyo myumbati nsize ndabarimiye. Ayandi muzoyatora muy’ ikimazi, ayazoba yakenye muzodandaza impuzu nahora nambara. »

(Visited 59 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *