Mariyamu ati : Kuraba mu jisho ry’umugenzi biratsimbataza amahoro

Credit photo: Jimbere

Ku musi ugira kane yerekana  Igitabo  yise « Abakeyezi b’Intwari  bibagiwe », umupfasoni Christine Ntahe yagendeye intara ya Rutana. Hari kw’igenekerezo rya 27 ruheshi, 2019.  Nk’ahandi hose  aho ico gitabo cari kimaze guca, bamwe muri abo bakenyezi barashinze intahe zerekana ukuntu baharaniye ugusubiza hamwe, ukugarukana n’ugutsimbataza amahoro mu kibano mu bihevy’intambara UBurundi bwaciyemwo.

Uko vyagenze mu ntara ya Ngozi

Régine Nijimbere Crédit photo Jimbere

Naho bitari vyoroshe, Regine Nijimbere, umukenyezi wo muri Komine Ruhororo intara ya Ngozi, amenyesha ko atigeze yicara. Abantu bamwe bari bahungiye mu makambi y’impunzi, ivyo bita ama « site y’impunzi »
Uwo mukenyezi yaciye yiyumvira icobahuza n’abasigaye mu mihana.
Regina Nijimbere yaciye atunganya imigwi y’intambo. Ku mpande zose, iyo migwi yarabayeho.
Mu mahiganwa yagiye aratuganywa, abasangwa n’abari barahunze baca bahura. Regina ati « Yabaye intandaro y’ukuza baraganira. Maze bunga ubucuti »
Ico  caratumye rero iyo migwi y’abatarabana ryiza basubira bakaganira, barahuza, umubano usubira kuba mwiza nka kera. Erega n’ugushingiranira vyahavuye biba.

« Raba mu jishoryamugenziwawe » Marriam Ndayisenga

Mariam Ndayisenga



Mu jisho ry’umugenzi wawe uravyeyo neza ubona mwo ishusho yawe nk’uko uwo mukenyezi Marriam Ndayisenga wo muri zone Kinama, Komine Ntahagwa iri mu gisagara ca Bujumbura abisigura. Abandanya avuga ko Umuntu wese afise muri we ivyiza vya mugenziwe.  “Mugenzi  wawe ari mu jisho ryawe” . Hamwe abantu bose bose boza baravyibuka, vyotuma atamuntu yimena ijisho kuko yokwibuka ko harimwo mugenziwe. Vyonatuma adacutsa n’agatima ko kwica mugenziwe kuko ari mu jishoryiwe. Mu yandi majambo, yobayiyishe.
Ivyo rero ngo vyotuma amahoro n’umutekano bitsimbatara mu gihugu c’u Burundi.

None Mariyamu yahuje abantu gute mu gisagara ca Bujumbura?

Mu bijanye no gusubiza hamwe no gutsimbataza amahoro,  Uyo mupfasoni yarakoze igikorwa gikomeye mu gisagara ca Bujumbura. Mu gihe  c’intambara, aho Marriam yatunganya inkino z’umupira w’amaguru hagati y’abakenyezi bo muri zone Kinama. Bakina bambaye ibikwembe. Abantu rero bo mu bwoko bwose, mu bitsina vyose bagaca baza nk’ugusamarira abo bakenyezi. Ariko muri ukwo kuza gusamara, wasanga bihuje abatari baherutse kubonana kandi bazi ko ari abakeba bikandurukiramwo kuganira. Uko niko bahuje imiryango yari yatandukanye.


Marriam Ndayisenga  arazwi kandi mu bikorwa vyo gutsimbataza amahoro n’imibano myiza biciye mu ma reresi.
Twotanga akarorero mw’ireresi « Mugisha » aho uwo mukenyezi w’intwari yakinye yitwa Mama Mugisha

(Visited 271 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *