Mbega uwudasenga ntiyokoresha amavuta ya Elayo ?

Amavuta ya Elayo aragwanirwa mu karere ka Rumonge. Abayadandaza bavuga ko akiza ibintu vyinshi harimwo imiyaga mibi. Ariko bakemeza ko adakora hatagiyemwo amasengesho. Vyoba ari vyo?

Turi isaha zine, kw’isoko  ya Minago mu ntara ya Rumonge. Ni ku ruhande rwo hepfo, urenganye ahadandarizwa amavuta y’amesa.  Abantu batari bake  barararundanye. Bakikije umusore biboneka ko akiri muto afise icupa rinini, ririmwo amavuta ya Elayo. Bose ubona bafise amahera mu minwe bashaka gutanganwa ngo abahe amavuta. Nawe aza arabasukira duke duke mu tumwanya ku mafaranga igihumbi. Bose bagenda banezerewe ko batwaye ikintu c’agaciro.

 Wa musore, ni Ntakirutimana Déo,abonye abantu bagabanutse, yakira indaririzamajwi yiwe  asemerera avuga akamaro kayo mavuta. Tumubajije yagize ati : « Aya mavuta arakomeye cane. Tuyaha umuntu bahaye ishano, canke umuntu yasizwe igituntu. Urayanywa canke ukamusiga. N’abantu basanzwe baterwa n’imiyaga mibi, abakinzi n’ibindi barayakoresha. Bayaturirira mu nzu akaduza umwotsi. Ariko rero ayamavuta akoreshwa n’ubushobozi bwo gusenga Imana, udasenga ntaco akumarira.»

Uko bayakoresha

Ntakirutimana asigura ko ayo mavuta abayagura bayakoresha mu kwivura imiyaga mibi. Ngo uwufise ikibazo ku mubiri arayisiga bisanzwe. Nayo uwariye ibintu bibi nk ‘ishano arayanwa. Uwahuye n’imiyaga mibi nawe akayaturirira muzu imiyaga igahunga.

Matayo * aremeza ko ayo mavuta yamufashije.  : “Jewe nari mfise  ikibazo c’umushishito. Warakunda kundya cane. Ariko amaze kuyumva, narayaguze  hanyuma  ndayasengera , maze kuyakoresha   naciye nkira”.

Izo imvo Ntakirutimana Déo avuga ko ari  mw’ishirahamwe ry’urwaruka rutagira akazi(Association des Jeunes Chomeurs) atanga, ni na zo zituma bayagwanira gutyo. Iryo shirahamwe ngo riranayatembereza ku bundi buguriro.

None vyukuri ayo mavuta Akorana n’amasengesho gusa ?

Oya namba. Ico  uwo musore yibagiye gusigurira abantu ni uko ayo mavuta ya Elayo ava ku giti citwa Olivier (Huile d’Olive). Uretse ko adasa n’amamesa (Amavuta ava mu kigazi), ayo mavuta  asanzwe akoreshwa nk’ayandi yose akora mu bijanye n’ingaburo. Aragurishwa mbere no mu ma mangazini hirya no hino hose mu gihugu.

Amavuta ya Elayo asanzwe azwi cane ko afise akamaro kanini ku magara y’abantu. Abahinga  mu vyubuvuzi bemeza ko   giterwa ca “Olivier » coba  catanguye gukoreshwa kera cane nk’imyaka ibihumbi bitandatu imbere y’ivuka rya Yezu Kristu mu karere ka Méditerranée .

Amakuru dukura ku rubuga doctonat.com , yerekana ko ayo mavuta  afise akamaro kanini mu mubiri iyo bayihereje nk’ingaburo.

Ngo arafasha mu kugabanya ububabare  hamwe n’umwitwararariko (Stress). Arafasha kandi mu kurinda ingwara z’umutima. Urwo rubuga rwerekana ko abayihereza  cane bafise amahirwe yo kutandura indwara  za Diabete, ngo ivyigwa vyakozwe birerekana ko  ashobora no kurinda ingwara za cancer. Arashobora no gufasha abageze mu zabukuru,. Ikindi  kandi  afise ni ubushobozi bwo kurinda imigera y’indwara( Microbes, bacteries) n’ibindi vyinshi.

Kubona hari abigisha ko ayo mavuta adakora hataroyemwo amasengesho, boba babikora kukutamenya canke bafise izindi mvo. Birakwiye ko abantu babanza kubaza umutima nti bapfe kujana nyabahururu.

Ku bijanye n’akamaro kayo n’ingene yokoreshwa, tuzobashikiriza ico abahinga mu bijanye n’ingaburo babivugako mu nkuru izokurikira.

(Visited 131 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *