Menya uko Habimana yabaye umurimyi wa kijambere akiri muto.

Ku myaka 25 gusa, ni umurimyi w’akarorero akongera akaba n’umurwizambuto yemewe n’amategeko. HABIMANA Jean Marie avuka ku mutumba  Rubamvye, zone  Kanka,  Komine Bisoro, intara ya Mwaro. Arangurira ibikorwa vyo kurima kijambere ibiraya muri komine  Gisozi, ibigori navyo muri komine Bisoro mu  ntara ya Mwaro nyene. Si ivyo gusa, ararima n’ibiharage, ingano, n’ibindi. Uyu munsi ageze ku miriyoni cumi n’umwe. Mbega ivyo vyose yabishitseko gute ? Inyishu ni mu kiganiro yagiranye na La Nova.

La Nova: Mbega iciyumviro co kurima kijambere cavuye hehe ?

Habimana : Natanguye kurima  mu 2018. Iciyumviro nyamukuru cavuye aha : Nkiheza  amashure yisumbuye mu 2016, nararonse ikiraka ahantu barima kijambere, akaba arije nakoresha abandi bakozi mu kiringo camezi 5. Aho  niho namenyeye uko ibiraya  birimwa  kijambere. Ikindi  catumye ndavyiyumvira, ni ukuntu nabona mu gace nabamwo imbuto zikena cane nca numvako nobijamwo kugira nsahirize abenegihugu bataronkaba imbuto zirobanuye.

L N : Mbega vyaramworoheye kuronka umutahe ?

H. Urwo rugamba ntirwamworoheye nkuko abenshi bavyibaza. Vyakunze kubera umwete n’ubwira vyo kurondera. Ngiheza  amashure yisumbuye, nararonse aho nkora ikiraka maze ntangura kutwegeranya. Ndibuka ko nahembwa ibihumbi 45 ku kwezi. Ntivyatevye naciye ntangura kurangura ibido imwe imwe y’amavuta y’amamesa. Nayirangura ibihumbi 50 nkaca nkuramwo ububido 5 bw’amacupa indwi. Akabido kamwe nakagurisha ibihumbi 12 muri karitiye nabamwo. Naca nkuramwo ibihumbi 60, muca mwumva ko ibido nayungukako ibihumbi 10″, ni ko atwiganira.

Mu 2017, Habimana Jean Marie yaratanguye kaminuza. Ivyo kudandaza amamesa arabihagarika maze atangura kudandaza amakara.

 » Nafashe ibihumbi 150 narimfise nongerako ayandi nkayo naguranywe n’umugenzi mbona gutangura kudandaza amakara ».

LN : Ni gute yinjiye mu burimyi nyezina ?

H : Maze kubona ko urudandazwa rw’amakara rutunguka neza , nahavuye nshima kuja mu burimyi. Hariho umugenzi twigana yava i Gihanga ambwira ko iwabo atamase bateramwo, ko  batera mw’ivu gusa nca numva biranteye intege. Niho nafata i ngingo yokuja kurimirayo.  Naciye nkota imirima 3 ingana, ndaheza ndayiteramwo ibiterwa bitatu   bidasa kugira nzorabe ikozovamwo amahera meshi gusumba ikindi.  Nateye ibijumbu, ibigori hamwe n’amasaka. Ngeze kuraba umurima wose  nasanze wantwaye  ibihumbi ijana  gushika nimbure. Ntibitevye mwisarura nca nsanga ibijumbu n’ibigori ntanyungu irimwo  kuko vyasa n’uko nakuyeyo umutahe gusa,  ariko amasaka yo yarakunze ndonka inyungu  ingana incuro zitatu.  Bisigura ko nakuyeyo ibihumbi amajana atatukuri.

Amasaka narifuza cane kubandanya ndayarima ariko nca mbona intambamyi.  Vyasaba ko nkota mukwa gatatu ahantu nzotera mu kwezi kw’icumi (Gitugutu). Naciye mbona ko amahera yoba yicaye umwanya munini, nca mfata ingingo yo guhagarika kuyarima. Niho naca niyumvira gutangura kuza ndaduganira amase y’inka abarimyi bo hafi yo muhira kuko nabona bayakenera cane. Abenshi nta nka baba bafise, abazifise nabo ntamase ahagije baronka. Imbere yaho maze kubona Ko ivy’amase bijana n’uburimyi, niho rero nanje niyumvira kubijamwo nca ndatangura.

 LN: Mbega wabifatanya gute n’ivyirwa? 

 H: Kugirango nshobore gufatanya ivyigwa n’uburimyi kandi bikagenda neza, naciye ntanga akazi ku wundi muntu amenyereye ivyo kurima kijambere aba ariwe andabira abakozi . Nanje naca nza ndaduga mu mpera z’indwi kuraba uko imirima imeze.

LN: Mbega watanguriye kurima ahangana gute?

 H: Intango ngo yama igoye.  NaAtanguye bukebuke maze ngenda ndaduga.  Jewe natanguye kurima hato, hama nza ndongerako bukebuke ubu aho ngeze ndarima i hegitare 3 zibiraya hamwe na hegitare 3 z’ibigori kw’i saison imwe.  Kandi aho hose ni aho nkota, si itongo ry’iwanje.”

LN : Intambamyi  mumaze guhura ni  izihe?

H : Intambamyi  duhura ni nyinshi cane. Iyambere ni  uko narima ntagira aho nimburira nkorera mw’ihangari nkota. Ariko ubu ndaheruka kubaka i hangar ya kijambere nimburiramwo.” Iyindi ntambamyi ngo ni umutahe umbana muto bigatuma ntarima aho nipfuza hose. Ikindi abarimyi  nti bihutira kuriha avance y’imbuto ico bita precommande. Bashima kuza kuzigurira mw’ihangare. Hari n’igihe ikirere kigenda nabi  aho nahonyene turahomba.

LN: Urwaruka aruhanura iki?

H: Urwaruka noruhanura kwijukira uburimyi  kuko ari imigambi nk’iyindi. Na cane cane ababa mu ntara zimbuka cane ibiraya hama bikunze bakarima imbuto zigifise akanovera kugira mu vyobimbuye bimwe babijane kw’isoko ibindi babigurishe imbuto.”

L N : None ni kubera iki mwahisemwo kurima ibiraya n’ibigori?

H: Muri rusangi ndima Ibiraya, Ibigori , Ibiharage, Ingano .

LN: None Wabaye umurwizambuto gute?

H: Iyo winjiye muvyo kurima hariho ibisabwa kugira wemererewe n’ikigo c’igihugu kibijejwe.  Rero ivyobisabwa narabikwije aho novuga nko kuba mfise i hangari, kuba ndima ahangana na hegitari  imwe, kuba mfise umwarimu w’indimo  andabira imirima n’ibindi.

LN: Mbega uraronka isoko vyoroshe?

H: Kugira ndonke isoko y’ imbuto ntivyoroshe cane kuko mbanshaka ko hagerako nimbura bampaye vansi y’imbuto icobita ( Pré comande)! Ariko beshi bazakubigura vyamaze gushika mw’ihangari ariko aho uburimyi buteye imbere umuntu arima abona uwuzomushorera.

LN : Mbega ugeze ku bakozi bangahe umaze guha akazi ?

H : Mfise abakozi 12 bamaho . Muri bo harimwo abarimu b’imdimo  2 (agronomes )hamwe n’abandi 9 bacunga Imirima umurango n’ijoro  hamwe nuwundi umwe ajejwe  ububiko Hamwe rero nabakozi bakora kumusi kumusi mumirima bakoresha isuka bagera kuri 30 batonda iminsi yose .

LN: Mbega ko watubwiye ingorane, inyishu yoba iyahe ?

H: Iyo kubura abagira pré commande inyishu ni uko amashirahamwe ashigikira uburimyi aha iwacu nimeshi nkaza IFDC, FAO, PACSS… Botugirira icizera bakatugirako pré commande y’imbuto tukazovyimbura dufise aho tubishorera kuko natwe tuba twashizemwo uburyo bwishi. Kandi turaterera cane mw’iterambere ry’igihugu kuko imbuto zirobanuye zitagwijwe ngozishikire abenegihugu umwimbu wogabanuka cane.

LN: Mbega uravye aho wahereye, ubu ugeze hehe?

H: Ndavye aho nahereye mu burimyi, novuga ko natanguje i miriyoni zitatu.  Ubu naho nkaba ngeze ku miriyoni cumi n’umwe {Chiffre d’affaire}

LN: Mbega leta hari ico ubona yobafasha?

H: Leta twoyisaba gushikira cane igisata c’uburimyi, tukaronswa ifumbire kugihe kandi igahimiriza cane kuburyo uwitanze agashira imitahe mu gisata c’imbuto n’uburimyi ntabure aho ashorera. Ikindi yokwitaho ni ukuza irarungika kandi intumwa zo mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi kutugendera navyo vyodutera intege kuko ni igisata gihambaye mu buzima bw’igihugu.

(Visited 72 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *