Menya utwatuzo Patrice Ntafatiro yatoye hamwe n’amazina yadutoreye

Mu kiganiro co guhanahana ivyiyumviro kw’itezwa imbere ry’ururimi rw’ikirundi, harimwo n’umutumire asanzwe azwi cane mu kiganiro Ikirundi c’abarundi gica ku ngurukanabumemyi.   Akaba ari Patrice Ntafatiro aba mu gihugu ca Canada. Uyo muhinga rero yarerekanye ibitari bike amaze gukora mu guteza imbere ikirundi. Muri vyo, harimwo ibijanye n’utwatuzo yatoye hamwe n’amazina yatoreye utwahahora.

Ntafatiro ariko arasigura utwatuzo yatoye

Ntafatiro avuga ko yemera cane patiri Yohani Baptista NTAHOKAJA na MAYUGI mu gikorwa bakoze mu gutora utwatuzo ariko ngo hari aho batashitse ari naho yaje kubandaniriza.

Amazina yatoreye ubwatuzo

Utwatuzo twari tuhasanzwe ntamazina dufise ariko Ntafatiro we yarayatoye yisunze ibihimba vy’umuntu ahagaze

  1. Akatuzo karambitse “umutāma” yagatoreye izina “Karēnge” Kubera ikirenge naconyene kirambitse kandi ari ijwi ryo hasi

2. “Ukuguru” ntakatuzo kajako. Ako rero nawe yakise “Kaguru’’

  1. Akatuzo kameze nk’agatemere kubitse “umwâna” yakise “Mâha” kuko kameze nko mukwaha iyo ukuboko kwuguruye.
  2. Agatemere kagaramye “umwãmi” yakise “Gasakanwa”
  3. Atwatuzo twirasa bwampi “umusóre, umugoré ” yatwise “Gatwé ” kubera turi hejuru
  4. Nayo akatuzo ko hejuru kisubiriza ariko “böse, bëmpi” yabonye ko kari hejuru aho naho akaba ari nko kumutwe ariko ku mutwe hari ikindi kihari ico naco akaba ari ubuhanza , aca akita : “Gahanza”

Utwatuzo yongeyeko ni bubiri.

  1. Gatugu: Ako yise Gatugu ngo ni ijwi ryo hejuru ariko ntirishikire Gatwe ko ku musore. Aho atanga akarorero k’amajambo umudurumu,
  2. Mama: Iyo kakatuzo Gatugu kisubirije canke mwijambo mama, sokuru, nyokuru , n’ayandi ngo afise amajwi yo hejuru yisubiriza ariko ntashikira bose . Ayo nayo ngo asa n’ayandika urudome” M “arico catumye akita Mama.

Ni gute yatoye uwotwatuzo?

Uyo muhinga avuga ko icatumye atora utwo twatuzo vyavuye ku banyeshure yigisha muri Canada kandi basanzwe ariyo bavukiye. Ariko ngo ariko arabigisha utwatuzo nabo baramuhaririza bamubwira ko ivyo ariko arabigisha atari vyo. Niko kwicara hamwe ariyumvira  maze asanga barafise ukuri.

Mwomenya ko Patrice Ntafatironaho agerageza kwitaho ibijanye n’ikirundi atarivyo yigiye. Amenyesha ko ikirundi cose azi arico yize kugeza mu mashure yisumbuye mu mwaka w’icumi na gatatu. Tumubajije ko ubwo bushakashatsi yagize  bukwiye kwemerwa narirya atabahinga baravyemeza yishuye  ati : «  None ko ari bo bari kubikora bo babifitiye  n’impamyabushobozi zo hejuru bakaba batarabikora twoca turera amaboko?  Ico bikoze co nuko ivyo nerekanye atanumwe yari bwabitore kandi atawigeze ampaririza ko atari vyo ».  

Ivyo mbona rero, arakwiye kubera akarorero abantu bose baba bipfuza gukora uburonzi ( ijambo yatoye risigura ubushakashatsi) mu kintu kanaka naho batoba ari vyo bigiye kuko ubushakashatsi nti buraba ubwenge bwomwishure gusa, n’impano ntitwozishira inyuma.

(Visited 204 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *