Menya « ziganya igiti » : Imbabura idakoresha amakara.

Gukora imbabura bise « ziganya igiti », ni kimwe  mu nyishu  z’ukubura akazi Eric NIYONGABO n’urundi rwaruka  bakorana  bahisemwo. Ni mugihe urwaruka ruhejeje amashure ruhanzwe n’ubukene bw’akazi kajanye n’ivyo bize. Kurera amaboko, kwineneguza akazi canke kuguma ku ma rigara babigize umuziro. Kwiyungunganya nivyo bashize imbere naho ingorane zitabura.

 Tubiri tuvurana ubupfu

Eric NIYONGABO , amaze kubona yize ibijanye n’umuyagankuba yagize  ati :  «  umutwe umwe ntiwigira inama, nico gituma nahisemwo gukorana na  bagenzi banje ; Ornella ITEKA yize ibijanye n’ubutunzi, na Claude NIYONSABA yize ibijanye n’imibano » . Uko ari batatu bahisemwo kuja hamwe kugira biyungunganye babicishije mu gukora izo mbabura zidakoresha amakara. Bakaba bazikorera mu gisagara ca Bujumbura muri karatiye ya CARAMA-GAHAHE.

Niyongabo, aratuyagira ivyiza vy’izo mbabura.

« Imbabura Ziganya igiti ntamakara zikoresha. zikoreshwa n’umucanwa wa panneau solaire canke wa Regideso. Uwo mucanwa ugafasha kwaka utuvunji tw’imise umuntu ashiramwo kuburyo utwo tuvunji agafuko kaguzwe amafaranga ibihumbi bitanu (5000fbu) gashobora gukoreshwa ukwezi kurenga bivanye n’ingene umuntu  ateka kumusi kumusi. » 

Bukebuke nirwo rugendo

Niyongabo arashima intambwe bagezeko uyu munsi. Ariko kandi, ngo n’ingorane ntizibuze . “Kuva dutanguye gukora uyu mugambi , n’ubwo abantu batari bwawumenye cane ubu biriko biraza. Ingorane duhura nazo ni uko uyu musi twubakira izo mbabura abantu baba bafise amazu yabo gusa kandi abo nabo ni bake muri iki gisagara ca Bujumbura. Benshi badusaba gukora izishobora kwunguruzwa ariko ivyo navyo bisaba uburyo bwinshi. Iyindi ngorane nuko bitugora gushika  no hagati mu gihugu kuko benshi baradusaba kujayo kuzikora ariko ugaca usanga batanga amafaranga make turavye uko twiyunguruza tugasanga ntaco twoba dukoreye » , uko niko Niyongabo avuga.

Ico basaba  ni iki ?

Urwo rwaruka rusaba Reta mvyeyi canke abajejwe intwaro ko bobashigikira kugira habe akarusho kanini kuvyerekeye gukingira ibidukikije, hamwe na wa mugambi wa Reta  Ewe Burundi urambaye. Gukoresha izi mbabura, ngo vyotuma kwicira ibiti  ku bwinshi babicamwo amakara bigabanuka cane, idukikije bigakingirwa.

Kurundi ruhande urundi rwaruka ruhanurwa kuja hamwe rugakura amaboko mpuzu bakijukira imigambi y’iterambere na cane cane mu  gukorera hamwe  mu mamakoperative nkuko vyasabwe na Reta.  Ngo bakwiye kandi kugira urunani, bakungurana ubumenyi bakareka kuzera inze bagakunda n’igihugu cabibarutse mu kugifasha mw’iterambere.

(Visited 366 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *