N’abagendana ubumuga barashobora kwiteza imbere

Souavis

Abatari bake mu bagendana ubumuga, babona ko atagikorwa nakimwe bashoboye maze bagahitamwo inzira yo gusegerereza. Ariko hari abatahuye ko n’abagendana ubumuga bashobora gukora ibikorwa kandi bakiteza imbere nk’uko umwe mu babishoboye yabitwiganiye.

Umupfasoni Mpawenimana Suavis aba i Gitega  mu Magarama akaba afise imyaka 42. Yamugaye agitangura kwavura afatwa n’ingwara benshi bita  Ubukangwe gutyo ntiyaba agishobora  kugenda. Ageze kuja mw’sihure yaratanguye nk’abandi, ariko  ashitse mu mwaka wa 6 ashima ku bandaniriza mu mashure y’ imyuga i kiganda, aho hari mu mwaka w’1995.

Kubera ubumuga yari afise, yaciye yiga ibijanye no kudesa canke gufuma kuko ari vyo yashobora gukoresha amaboko. Mumwaka w’i 2000 aba aratanguye akazi ko kudesa amashuka, ibitambara vyo ku meza n’ibindi. Ku mashuka  akora, ashirako ibicapo vyerekana akaranga k’ Uburundi  n’ibicapo Vy’amashurwe.

Ni igiki umwuga wamumariye ?

Mpawenimana amaze imyaka 19 akora uyu mwuga kandi arishimira intambwe amaze gushikako. Avuga ati: « Maze kubona ko mfise ubwenge n’umutima, nkabona ko ubumuga bukomeye ari ubwo mu mutwe, naciye ntangura gukora cane. Naho namugaye sinigeze nsegerereza nakoze ivyo nshoboye vyose Imana irabihezagira nca ndaronka inzu y’iwanje mva mu gupanga. Ikindi  nishimira  n’uko Imana yampaye umushingantahe ankunda kandi yankunze kubera abona ko nshoboye »

Impanuro ku mpande zose

Umupfasoni Suavis abwira abavyeyi bavyaye abana bagendana ubumuga kutabanyegeza ngo babagire ibicibwa ahubwo babashigikire kandi birinde kubatuma gusega. Ahubwo bagerageze kubigisha gukora ibikorwa bashobora bivanye n’ubumuga bwabo.  Abagendana ubumuga nabo abasaba kwirinda no kureka umugenzo mubi wo gusegerereza nyabuna bakore ivyo bashoboye maze biteze imbere kuko ubumuga bukomeye ni ubwo mu mutwe.

(Visited 136 times, 1 visits today)

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *