Ngo uwukize akira isuka, aho harikera!

Turakunze kumva imvugo nka « uwukize akira isuka». Iyo mvugo akenshi igakoreshwa n’abaciye ku ntebe y’ishure aho babona ko buzima bwiza ari ugukorera mu biro nayo abakoresha isuka bagakengerwa .Yamara rero hari abamaze gutahura ko kurima na cane cane kijambere ari uburyo bwiza bwo kurwanya inzara ndetse no kwiteza imbere. Iradukunda Audrey we yabibonye bugica maze abishira mu ngiro.

Iradukunda Audrey ni nde?

Audrey Iradukunda ni umwigeme w’imyaka 22. Yiga muri kaminuza yitiriwe umuco, mu gisata ca poritike n’imigenderanire. Ni umwigeme w’inkerebutsi arangwa n’umwete n’ishaka bidasanzwe. Iryo shaka niryo ryatumye atanguza umugambi Kitchen Friends. Uwo nawo ukaba werekeye uburimyi bw’imboga mu ntumbero yo kugwanya inzara ndetse no kwikenura. Uwo mugambi kandi watumye aba muri bake baronkejwe ubushimwe muri rya higanwa Light Award ryatungamijwe na Spears connect Group.

Audrey igihe yariko arasigura umugambi wiwe mw’ihiganwa Light Award

Muti none uwo mugambi ukora gute ? 

Nk’uko abisigura, umugambi Kitchen Friends werekeye uburimyi bw’imboga. Ku bijanye n’ingene awurangura, agira ati : « Nkota imirima muri komine Mutimbuzi ngatera imboga. Mfise abakenyezi baca bandangura izomboga, izisigaye nazo nkazishora mu masoko mu gisagara ca Bujumbura. »

Twashatse kumenya icatumye ahitamwo uwo mugambi, nawe atwishura ati : « Hari ibintu bitatu nyamukuru vyatumye mpitamwo uwo mugambi. Icambere n’uko nabonye ukuntu abadandaza b’imboga cane cane abakenyezi bibagora kuzironka bigatuma na twadutahe duto bakoresha tuhahombera. Icakabiri, naratahuye ko isi yacu ari itunga rinini. Niko guhitamwo rero ico gisata kugira nsahirize mu kurwanya inzara ndetse no gutanga ubuzi.Ubwanyuma, nashatse gushira mu ngiro imigambi y’iterambere rirama.»

Mbega yoba afise ihangiro nyabaki?

« Nshaka ko muri kazoza no kwugurura ihinguriro ry’ivyimbugwa vyanje. Ivyo bizomfasha kubika igihe kirekire ivyo nahinguye hama nshobore no kubishora ku masoko yose mu gihugu ndetse no mu mahanga. » Ivyo nivyo vyipfuzo ashikiriza.

Mu gihe hari abigeme bakibona ko ivyo gukora imigambi ari ivy’abahungu n’abagabo, Audrey Iradukunda we siko abibona.  « uko umwana arezwe niko akura. Abavyeyi banje banderesheje ibikorwa kandi atagucagura ngo ibibikogwa n’umuhungu ibi navyo umukobwa. Naciye nkura nzi ko ivyo basazanje bashoboye nanje nobikora»

Intambamyi zo ntizibuze.

«Ingorane yambere tugira iva ahanini ku buryo buke. Gutangura umugambi bisaba umutahe munini kuburyo udasavye ingurane bitokunda.Ivyo rero birangora kuko mu gutanga ingurane bagusaba ingwati nanje atayo ndaronka, vyose bikaba birapfuye.Iyindi ngorane ni iyaguka buri musi ry’igisagara ca Bujumbura rituma na twa dutongo turimamwo batwubakamwo amazu.» Uko niko Audrey Iradukunda asigura.

Arangiza asaba Reta gufasha bimwe biboneka urwaruka rufise imigambi rukora mu kururonsa imitahe mito mito. N’urwaruka ntarwibagira. Agira ati: «Muri rusangi ndabahanura gukura amaboko mu mpuzu ntibabe abasaba akazi gusa ahubwo babe n’abagatanga. Abigeme nabo bakwiye guhindura ingendo. Kera batubwira ngo amashure y’umukobwa ni umugabo, ihibambewe ! Abagabo b’ubu ntibakiraba inzobe. Baraba ico ufise n’ico ushoboye. »

(Visited 219 times, 1 visits today)

1 thought on “Ngo uwukize akira isuka, aho harikera!

  1. Courage !ce qu’elle a fait est difficile à comprendre à son âge pour ceux qui ne la connaissent pas mais pour moi rien de surprenant car depuis notre connaissance je l’ai vu comme quelqu’une dotée d’une longue vision avec des idéologies avancées ! courage Audrey vous êtes dans une bonne voie !

Laisser un commentaire

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *